Tanzania: Ekleziya Katorika iragabisha ko Covid-19 iriko iriyongera ku rugero ruteye ubwoba

Ahavuye isanamu, ST.JOSEPH-INSTAGRAM
Ekleziya Katorika muri Tanzania yaraye isohoye itangazo aho igabisha ko ibitigiri vy'abandura coronavirus n'abicwa na Covid-19 bigenda vyiyongera, ihamagarira abanyagihugu gukurikiza ingingo zose zo kwikingira.
Iri tangazo ryo kugabisha ryasohowe n'umukuru w'Inama y'Abepiskopi Katorika muri Tanzania (TEC), Musenyeri Gervas Nyaisonga ku wa kabiri.
Ariko , ntirivuga nimba no muri Tanzania hariho abariko barandura bwa bwoko bushasha bwa coronavirus, rigasaba abantu kuba maso bafatiye ku bivugwa mu zindi mpande z'isi.
Iri tangazo rya Ekleziya Katorika rivuga riti: "Mu mwaka uheze igihugu cacu carashoboye kurwanya uwu mugera. Abandura baragabanutse mu nyuma turizera ko twatsinze".
"Ubu hari iyongerekana rishasha ry'abandura. Ibihugu bitari bike biremeza ko biri mu bihe bitoroshe aho corona iriko iriyongera abantu bagapfa. Igihugu cacu si izinga, ni ngombwa ko twikingira, tukaba maso, tugatakambira cane Imana kugira ngo iturinde".
Ekleziya Katorika muri ico gihugu yagiye ifata ingingo zitandukanye kuva mu 2020 igihe iki kiza gitangazwa ko cinjiye muri Tanzania, iri tangazo rigasaba ko izo ngingo zibandanya zikurikizwa.
Rishimangira riti: "Duhimirize intambara yo kurwanya umugera wa coronavirus mu gukoresha ibirwanisho vyose vy'umutima, umubiri, ubuhinga no mu kibano. Ntiturambirwe no guhimiriza igisabisho, kwirinda gukorakorana, gukaraba n'amazi n'isabuni igihe cose, gufata ingingo igihe cose twiketse ibimenyetso vyayo, tukirinda kandi no kwegerana".
Umunyamabanga mukuru w'Inama y'Abepiskopi, Patiri Charles Kitima, yabwiye BBC igisata c'igiswahili ko vyabaye ngombwa ko Ekleziya isohora iri tangazo ryo kugabisha mu gihe bakirindiriye insiguro z'abahinga zizotangwa na reta ku bijanye n'iki kiza karanda.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ati: "Duherutse kubona impfu ziyongera. Mu bisagara, twari tumenyereye kugira imisa imwe canke zibiri mu ndwi zo gusabira abapfuye, ariko ubu ni imisi yose. Hategerezwa kuba hari ikintu kitagenda neza".
Abategetsi ba Tanzania babandanya bemeza y'uko ata mugera wa coronavirus uri mu gihugu.
Inyuma y'iri tangazo, icegera c'umushikiranganji w'amagara y'abantu, Dr Goodluck Mollel, yabwiye ikinyamakuru Mwananchi co muri ico gihugu ko abanyagihugu bobandanya batekanye mu kurindira amabwirizwa bahabwa na reta.
Dr. Mollel ati: "Ibi bintu reka tubirekere abahinga. Mu gihe hoba ingorane, reta izobisigura. Abantu bobandanya n'ibikorwa vy'ukugwiza umwimbu".
Mu mpera z'indwi iheze, ibinyamakuru vyo muri Danmark vyatangaje ko ingenzi zibiri zari zivuye muri Tanzania zatowe umugera mushasha wa coronavirus wadutse muri Afrika y'Epfo.
Mu ndwi iheze nyene, reta y'Ubwongereza yarafashe ingingo yo kubuza ingenzi zivuye nuri Tanzania na Repubulika ya Demokrasi ya Congo kwinjira muri ico gihugu mu ntumbero yo kwirinda ikwirakwira ry'ubwoko bushasha bw'umugera wa Covid-19 bwatowe ubwa mbere muri Afrika y'Epfo.
Ibihugu bindi 12 nivyo bimaze guhagarikirwa ingendo muri ico gihugu hagati y'ukwa cumi na kabiri n'intango y'ukwa mbere.










