Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umukuru wa Iran yacishije ubutumwa kuri Twitter agabisha ko ashobora gutera Trump aho akinira golf
Indongozi nkuru ya Irani, Ali Khamenei yacishije ubutumwa ku mbuga hwaniro asa n'uwuhamagarira igitero kuri Donald Trump mu kwihora ku bwicanyi bwakorewe indongozi ya gisirikare yo hejuru, Jenerali Qasem Soleimani, mu mwaka uheze.
Isanamu ihinguwe yacishijwe ku rubuga ngurukanabumenyi rwiwe, yerekana uyu yahoze ari umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika ariko arakina golf, ari musi y'icijiji (igicucu mu kinyarwanda) c'indege y'intambara canke ca drone.
Iyi sanamu iri kuri uru rubuga ngurukanabumenyi yanditseko ngo "ukwiho ra ni ngombwa".
Twitter yahagaritse ikonte ntoya yerekanye ubwa mbere iyi sanamu.
Umuvugizi wayo yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ko iyi konte - @khamenei_site - yari iy'ububeshi kandi ko yahonyanze amategeko ngenderwako ya Twitter.
Hagati aho, ubu butumwa bwasubiye gutangazwa kuri konte ya Ayatollah Khamenei mu rurimi rw'igi farsi isanzwe ikurikiranwa n'abantu barenga 300.000. Kuva ico gihe, ntiyasubiye kuboneka kuri iyo konte.
Muri ubu butumwa, bwanditse mu gifarsi, ijambo "ukwihora" ryanditswe mw'ibara ritukura, ayandi majambo asigaye akaba avuga ngo : "Uwishe Soleimani n'uwatanze itegeko ryo kumwiba bategerezwa kuvyishura".
Ku rubuga ngurukanabumenyi rwa Ayatollah Khomeini, iyi sanamu isanzwe iboneka cane. Ubutumwa buyiherekeza busubiramwo amajambo yavuze ku wa 16 z'ukwa cumi na kabiri, amajambo yasubiramwo ivy ukwihora "umwanya uwo ari wo wose".
Twitter yasabwe gufata ingingo inyuma y'aho abatari bake basanzwe bayikoresha berekaniye ko ari akarenganyo kubona yarafuse konte ya Trump ariko ikareka iyi y'uyu mutegetsi wa Irani.
Twitter yarugaye konte ya Trump yari isanzwe ikurikiranwa cane mu ntango z'uku kwezi, inyuma y'aho acishirijeko ubutumwa bufatwa ko ari bwo bwakokeje imigumuko yo ku ngoro y'amakoraniro ya Amerika, Capitol.
Umwe mu bayikoresha yanditse mu congereza ati: "Vyogenda gute ko uyu muntu arwaye mu mutwe ashobora kwerura agahamagarira igandagurwa ry'uwahoze ari umukuru w'igihugu, hanyuma Twitter ntimufute?"
Uwundi nawe ati: "Iya Trump yarahagaritswe, ariko iyi yoyo nta kibazo. Ni ibintu vyo gufyinata?"
Ubu butumwa bujanye n'igandagurwa rya Jenerali Soleimani yishwe mu gitero ca ya ndege itagira umudereva, drone, y'Abanyamerika, umwaka urarangiye.
Mu bikorwa vyari birongowe na Soleimani, Irani yarakomeje imirwi yitwara gisirikare yakorana n'iki gihugu, iragura ibikorwa vya gisirikare muri Irak na Syria, yongera inategura igitero ca gisirikare ku mirwi y'inyeshamba za Syria mu ntambara imaze igihe kirekire.
Ico gihe, Trump yavuze ko uyo mu jenerali yari "afise uruhara rwa hafi canke rwa kure mu bwicanyi bw'abantu baharurwa mu mamiriyoni".
Irani yaciye yihora mu gutera ibisasu vya misire ku kigo ca gisirikare c'abanyamerika muri Irak yongera igabisha ko izokora n'ibindi, ico gihe Ayatollah Khamenei akaba yavuze ko "azokwihora bikomeye izo nkozi z'ikibi".
Mu ntango za kuno kwezi, Twitter yarafuse ubutumwa bw'uyu mutegetsi wa Irani bwavuga ko incanco zakorewe mu Bwongereza no muri Amerika "zitizewe".