Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Magufuli yashimiye umutegetsi w’Ubushinwa kubona atambaye agapfukamunwa muri Tanzania
Umukuru w'igihugu ca Tanzania arashimira cane umushikiranganji w'Ubushinwa ari mu rugendo muri ico gihugu, kubona atambaye agapfukamunwa, akavuga ko vyerekana ko ata coronavirus iri mu gihugu.
Magufuli ati: "Nashaka nshimire umushikiranganji Wang Yi, arazi ko muri Tanzania tudafise Corona ari na co gituma atambaye agapfukamunwa. Urakoze cane Wang Yi…kandi nanje kugira ndabimwereke, ngenda ndamufashe ukuboko, tugende dufungurire hamwe".
Umushikiranganji w'imigenderanire w'Ubushinwa Wang Yi yaboneka nk'uko yirebanga mu ntumwa yari arongoye, mu gihe abandi bose bari bambaye udupfukamunwa, nk'uko biboneka muri ino reresi:
Perezida Magufuli aranegurwa cane ku kuntu yafashe iki kiza ca coronavirus, mu kwanka ingingo ngenderwako zatanzwe n'ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS, muri zo harimwo ingingo yo kutegerana.
Haraciye igihe Tanzania idatanga amakuru ajanye n'abanduye uwo mugera muri ico gihugu.
Umushikiranganji Yi ari mu rugendo azogira mu bihugu bitanu vya Afrika, ari vyo Nijeriya, Repubulika y'Intwaro Rusangi ya congo, Botswana, Tanzania hamwe na Seychelles.
Ubushikiranganji bw'imigenderanire y'Ubushinwa busubiramow amajambo ya Yi avuga ko Ubushinwa "buzorungika abahinga mu vyo amagara y'abantu" kandi ko bwipfuza "kwihutisha" imigambi y'ubwubatsi yari yahagaritswe kubera iki kiza karanda.