US: Umukuru w'intagondwa za Proud Boys 'yahagaritswe yagirizwa guturira ibendera rya BLM'

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru w'umurwi w'intagondwa z'abazungu, Proud Boys, avugwa ko yahagaritswe i Washington yiketswe ko yaturiye ibendera rya wa muhari Black Lives Matter (Ubuzima bw'Abirabure ni kirumara) mu kwezi guheze.
Ibinyamakuru vyo muri Amerika bivuga ko Enrique Tarrio akurikiranwa ku vyaha vyo gusambura umutungo.
Bivugwa ko yemeye ko yaturiye ibendera ryakuwe ku rusengero rw'abirabure mu myiyerekano yabaye mu kwa cumi na kabiri muri ico gisagara.
Perezida Donald Trump abandanya asaba abanywanyi biwe gukoranira ku mugwa mukuru kugira bakore iyindi myiyerekano.
Ejo ku wa gatatu aho bukera, abashingamateka n'abakenguzamateka bitezwe gukorana kugira ngo bemeze intsinzi ya Joe Biden wo mu mugambwe w'abaharanira demokarasi (Democrats) imbere y'uko yimikwa ku wa 20 z'uku kwa mbere.
Tarrio yacishije ubutumwa ku rubuga hwaniro rwitwa Parler aho avuga ko uyu murwi Proud Boys "uzosidukana n'iyonka ku bitigiri bitari bwigere bibaho ku wa 06 z'ukwa mbere", anavuga ko abanywanyi biwe ari "umurwi uzwi cane ugizwe n'imisore myiza cane".
Umuvugizi w'igiporisi, Dustin Sternbeck, yabwiye ikinyamakuru Washington Post ko Tarrio yahagaritswe ari mu modoka haciye akanya gato yinjiye muri ico gisagara.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa
Nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vya Amerika, uyu mugabo w'imyaka 36 yafashwe afise, mu buryo buteye kubiri n'amategeko, ibikoresho bituma inkoho zishobora kwambikwako ayandi masasu.
Iri bendera yarituriye igihe bari mu myiyerekano ku wa 12 z'ukw'icumi na kabiri i Washington DC yo gushigikira Perezida Donald Trump wo mu mugambwe w'aba Repubulika mu twigoro twiwe two kwerekana ko amatora yibwe, n'aho ata vyemezo atanga.
Iyo myiyerekano yari yatanguye mu mutekano ntangere yagiye kurangira habaye imishamirano mu turere tumwe tumwe hagati y'abanywanyi b'uyu murwi n'abandi bariko barayirwanya. Igiporisi kivuga ko abarenga 30 bahagaritswe, amasengero ane nayo arononwa.
Uyu mugabo Tarrio asanzwe aba i Miami aho bivugwa ko arongoye akarwi k'abashigikiye Trump kitwa Latinos for Trump, yabwiye Washington Post ico gihe ko ari we yari yaturiye iryo bendera rya Black Lives Matter.
Yavuze ati: "Reka tuvugishe ukuri, narabikoze".
Ariko abandanya avuga ko atari azi ko abenshi mu basengera mu rusengero Asbury United Methodist Church, aho iryo bendera ryari rimanitse, bari abanyamerika bakomoka muri Afrika.
Tarrio avuga kandi ko abanywanyi ba Proud Boys nabo nyene bibwe amabendera yabo mu myiyerekano yabaye imbere y'aho ariko ko ata n'umwe yigeze ahagarikwa kubera ivyo.
Ejo ku wa mbere mu gaturuturu, urundi rusengero rwononywe muri iyo myiyerekano yo mu kwa cumi na kabiri rwaritwariye Tarrio hamwe n'uyo murwi Proud Boys.

Ahavuye isanamu, Reuters
Urusengero Metropolitan African Methodist Episcopal Church (Église Épiscopale Méthodiste Métropolitaine Africaine) rwagiriza Tarrio n'umurwi wiwe ko buriye ku rugo rwarwo maze batabagura ibendera rya Black Lives Matter.
Kristen Clarke arongoye ishirahamwe ry'abashingwamanza, Lawyers' Committee for Civil Rights Under Law, yasohoye itangazo aho avuga ati: "Amasengero hamwe n'ibindi bigo vy'abirabure bifise akahise karekare kabi ko guterwa n'intagondwa z'abazungu mu bitero bishingiye ku macakubiri y'urukoba mu ntumbero yo gutera ubwoba".
"Imanza twashingishije zifise intumbero yo gushira imbere y'ubutungane abakoze ivyo vyaha".










