Abagore batatu batanguje BLM: twararwanye kugira duhindure amateka kandi twaratsinze

Uva i ubamfu uja i buryo: Opal Tometi, Patrisse Cullors na Alicia Garza mu 2016 i Los Angeles, California

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uva i ubamfu uja i buryo: Opal Tometi, Patrisse Cullors na Alicia Garza mu 2016 i Los Angeles, California

Umwaka wa 2020 uzokwibukirwa ku bintu vyinshi hatibagiwe na wa muhari Black Lives Matter (Ubuzima bw'Abirabure ni kirumara), BLM, wabaye rurangiranwa kw'isi.

Uwu muhari watumye haduka imyiyerekano ikomeye mu rugamba rwo kwiyamiriza ivangura rishingiye ku rukoba hamwe n'ubugome bw'igiporisi.

Abagore batatu batanguje uwu muhari babwiye BBC ko bizeye neza ko wahinduye politike.

Alicia Garza, umwe muri aba bagore avuga ati: "Abirabure hamwe n'abo bose badufashe mu mugongo barahagurutse barahindura amateka kandi twaratsinze".

Garza na bagenzi we, Patrisse Cullors na Opal Tometi, batanguje umuhari Black Lives Matter, BLM, mu 2013 inyuma y'uko ubutungane bwejeje umuzungu George Zimmerman yari yagandaguye umuyabaga w'umwirabure, Trayvon Martin.

Imyiyerekano kandi yaradutse muri uno mwaka inyuma y'urupfu rwa wa mwirabure George Floyd mu kwa gatanu anizwe n'umuporisi igihe yahagarikwa mu gisagara ca Minneapolis.

Garza ati: "Inyuma y'imyaka indwi, Black Lives Matter yarashinze imizi kandi nirwo ruririmbo muri kino gihugu".

"Twese twariboneye mu ma camera ingene abantu bacu, abavukanyi bacu, bagandaguwe".

"Hari inzira nyinshi ibimenyeshamakuru nyamukuru bimara umwanya munini biriko biravuga kuri kano kabi".

2016 nayo nyene yararanzwe n'imyiyerekano mu rwego rwa Black Lives Matter biyamiriza igiporisi cagandagura abirabure

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, 2016 nayo nyene yararanzwe n'imyiyerekano mu rwego rwa Black Lives Matter biyamiriza igiporisi cagandagura abirabure

"Igihe cose, twama turemekwa umuzigo w'imigumuko, ariko nta n'umwe yavuga ihohoterwa abantu bacu bakorerwa n'ubutegetsi co kimwe n'igiporisi".

"Ubu duhanganye n'ikindi kintu gushasha, amabi y'akarwi k'intagondwa gashira imbere inyungu z'abazungu".

N'aho urugamba rubandanya, abatanguje BLM barafise icizere kanaka, cane cane iyo bariko baravuga ku bijanye n'ugutsindwa kwa Donald Trump mu matora aheruka muri Amerika. Abagore b'abirabure bazwi ko bagize uruhara rukomeye cane mu ntsinzi ya Joe Biden.

Aba bagore batatu baranezerewe cane igihe Kamala Harris avyemeza ku mugaragaro, nk'umugore ahinduye amateka mu kuba umugore wa mbere, umwirabure wa mbere, n'umunyamerika wa mbere akomoka ku mugabane wa Aziya, atowe kuba icegera c'umukuru w'igihugu.

Ariko bobo babona ko bazotegerezwa kubandanya urugamba rukomeye kugira ngo "ntabe igishusho gusa, ahubwo aharanire cane iteka ry'abirabure".

Opal Tometi nawe ati: "Nshimishijwe no kubona ingene umuhari BLM hamwe kandi n'iyindi myinshi yashoboye kugera aho igeze maze igatsimbataza ivyiyumviro n'ibikorwa biduhesha icubahiro nk'uko turi".

"Nibaza ko iyi mihari yerekana neza ko n'ibindi vyose bishoboka, nkaba mfise umunezero mwinshi cane kubona nkiri muzima mu gihe nk'iki".

Imyiyerekano ya BLM yahuje ingeri zose

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Imyiyerekano ya BLM yahuje ingeri zose

Avuga ku kungene uruhara rw'uyu muhari rwagiye ruhinduka muri uno mwaka, Garza avuga ko BLM yagiye itsimbataza ubucuti n'iyindi mihari irya n'ino kw'isi, harimwo no gukomeza imyiyerekano ya #EndSars yo kwiyamiriza amabi y'igiporisi muri Nijeriya".

Ati: "Turiko turahindura politike ariko ikituraje ishinga cane ni uguhindura ubutegetsi, imikorere yabwo, kandi kugira ngo bube ubutegetsi buri mu minwe y'abantu benshi".

Patrisse Cullors avuga ko ivyaranguwe na BLM mu 2020 bizotegerezwa kwandikwa mu bitabo.

Ati: "Ikinezera ni uko umwana wanje ashobora kuvuga ko nyina wiwe, ari kumwe n'abandi bakenyezi b'indyamunyu b'abirabure, yakoze ivyo yashoboye gukora vyose, kugira ngo agateka kacu kubahirizwe".

"Ndaryohewe kubona iki kiri mu mateka azoyagwa".