Australia: 'Abanyamahanga batubahiriza amategeko ya Covid bazirukanwa'

Young revellers at the Christmas backpacker party in Bronte

Ahavuye isanamu, PETER HANNAM

Insiguro y'isanamu, Umunye Australia yababonye avuga ko benshi mu bantu bari bahari basa n'abatari abaho.

Umushikiranganji ajejwe abimukira muri Australia yavuze ko abanyamahanga bazofatwa bariko bararenga ku mategeko ajanye n'amagara y'abantu bashobora gusubizwa iwabo.

Alex Hawke yavuze ko yababajwe cane n'ivyo yabonye kuri 'beach' ya Bronte i Sydney ku musi wa Noheli.

Video y'abantu benshi yashizwe ku mbuga ngurukanabumenyi yerekana urwaruka ruririmba rwongera rutamba, rurenze ku mategeko yo kugwanya coronavirus.

Bamwe mu babiboneye bavuze ko benshi bari abongereza.

Australia iri mu rugamba rwo kugwanya ico kiza giherutse kwongerekana inyuma y'amezi atari make ata muntu abonetse yanduriye mu gihugu hagati.

Iyaduka bushasha bw'uwo mugera indwi imwe imbere ya Noheli ryatumye hasubira gushirwaho ayandi mategeko yo kwikingira muri ico gisagara, harimwo kubuza amakoraniro menshi mu biruhuko no kwiyugarana mu karere kamerewe nabi ka Northern Beaches.

Ubu abamaze gufatwa muri iryo yongerekana ry'ico kiza bashika 129.

Hawke yabwiye radio Sydney ati:"Mu gihe umuntu ageramiye umutekano w'abantu c'anke amagara, viza yiwe ishobora gufutwa ."

Yavuze ko yasavye ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu gukorana n'abategetsi ba New South Wales (NSW) muri iyi misi himirije umwaka mushasha kugira ngo umuntu wese azofatwa "akora ibintu bidakurikije amategeko", viza yiwe izoce isubira kwihwezwa na reta.

Yavuze ko benshi mu bafise viza z'akanya gato bubahiriza amategeko y'amagara y'abantu.

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa

1px transparent line

Igipolisi kivuga ko ata n'umwe mu bari mu musi mukuru i Bronte yaciwe amande canke ngo ahanwe.

Australia yarugaye imbibe ku bantu nka bose kiretse ku benegihugu batashe canke abafise uruhusha rwo kuba muri ico gihugu n'imiryango yabo mu kwezi kwa gatatu.

Mu kwezi kwa kane, reta yavuze ko hariyo abantu barenga imiliyoni zibiri bafise viza y'umwanya muto muri ico gihe.