Mu mafoto: Umusi mukuru wa Christmas hirya no hino kw'isi

Abantu hirya no hino kw'isi bariko barahimbaza kimwe mu biringo vyeranda ku kirangamisi c'abakristu. Ariko inkuka z'imisa n'imisi mikuru vy'uyu mwaka vyitabwe n'abantu bake cane kubera ikiza ca coronavirus. Ukutegerana no kwambara agapfukamunwa ni vyo bintu bishasha bitegerezwa kwubahirizwa.

People wear Christmas-themed attire at Bondi Beach in Sydney, Australia. Photo: 25 December 2020

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Muri Australia, impuzu ziriko ibimenyetso biranga Noheli ni nyinshi kuri 'beach' ya Bondi i Sydney.
Pope Francis leads a Christmas Eve Mass at St Peter's Basilica in the Vatican. Photo: 24 December 2020

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Papa yasomye inkuka y'imisa y'ijoro rya Noheli muri Basilike yitiriwe umweranda Petero i Vatikano imbere y'abantu bake cane
Pope Francis celebrates a Christmas Eve Mass. Photo: 24 December 2020

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Mu nsiguro, Papa yavuze ko Noheli atari igihe co kwitako umwikomo - ahubwo n'igihe co kuremesha abandi
The Christmas Eve Mass in St Peter's Basilica. Photo: 24 December 2020

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Iyo nkuka y'imisa imenyerewe kuba isaha zitandatu z'ijoro, yabaye hakiri kare kubera amasaha y'umukwabu. Abantu hafi ijana ni bo bitavye iyo nkuka, bake cane ugereranije n'ibihumbi vy'abantu bahora bayitaba
Children light candles at the entrance gate of the Sacred Heart Cathedral in Delhi, India. Photo: 24 December 2020

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Mu Buhinde, abana bakije amabuji ku muryango wa Katedrale yitiriwe 'Sacred Heart' ku mugwa mukuru i Delhi.
Women wear face masks as they pray during a Christmas Eve Mass in St Andrew's Church in Karachi, Pakistan. Photo: 24 December 2020

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Aba bapfasoni basenze mu gacerere mu nkuka y'imisa yo mw'isengero rya St Andre i Karachi muri Pakistan
Christmas decorations in Woodend, Northamptonshire, the UK. Photo: 23 December 2020

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Mu Bwongereza, ababa mu kigwati ca Woodend i Northamptonshire, basharije amazu yabo mu kwitegurira Noheli
People gathered around a fire during a Mass in the Virgin Mary Church in Baghdad, Iraq. Photo: 24 December 2020

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Muri Irak, abantu bakoraniye hamwe bagira umuzingi ku muriro igihe hariko haraba misa mw'isengero ryitiwe Bikiramariya ku mugwa mukuru i Baghdad.
Elderly residents and a nurse celebrate Christmas in Santiago de Compostela, Spain. Photo: 24 December 2020

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Hanyuma hari akanyamuneza nta ngere muri iki kigo c'abageze mu za bukuru i Santiago de Compostela muri Espagne

All pictures copyright