Ethiopia : Abitwaje ibirwanisho bishe abantu barenga ijana mu burengero bw'ico gihugu

Abantu barenga 100 baraye bagandaguwe n'abantu bataramenyekana mu kigwati kimwe kiri mu burengero bwa Ethiopia, nk'uko bivugwa n'umurwi w'ico gihugu ujejwe agateka ka zina muntu.

Umuforoma akorera muri ako karere yabwiye BBC ko abarenga 30 ari bo bariko bavurirwa mw'ivuriro riri muri ako karere, harimwo n'abababaye cane.

Uyo muforoma avuga ko bamwe muri bo barashwe, abandi bacumitwa imbugita.

Iki gitero caraye kibaye nijoro ku wa gatatu mu ntara ya Benishangul-Gumuz cabaye haciye umusi umwe gusa umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed agendeye iyo ntara.

Mw'itangazo wasohoye, umurwi w'igihugu ujejwe agateka ka zina muntu muri Ethiopia uvuga ko iki gitero cabaye mu kigwati ca Bekoji kiri mu karere gatuwemwo n'amoko atandukanye.

Uyu murwi uvuga uti: "Abantu barenga 100 bishwe baturiwe abandi barashwe muri ico gitero c'abantu bitwaje ibirwanisho".

Beyene Melese, umuvugizi wa reta y'iyo ntara, yavuze ko abakoze ico gitero ari "abansi b'amahoro".

Ku wa kabiri, umushikiranganji wa mbere Abiy yaragendeye iyo ntara mu numbero yo kuganira n'abayirongoye ku kibazo c'indyane z'amoko muri ano mezi ya vuba.

Umushikiranganji Abiy yanditse ku rubuga rwa Twitter ati: "Abansi baracafise icipfuzo co gucanishamwo Ethiopia bisunze amoko n'amadini, ariko iki cipfuzo ntaho kizigera gishika".

Kuva mu kw'icenda, iyi ntara ya Benishangul-Gumuz imaze kubamwo ibitero vyahitanye ubuzima bw'abantu n'imiburiburi bine, harimwo n'igitero c'abitwaje inkoho bategereye imodoka yunguruza abantu mu kw'icumi na rimwe, bica abantu 34 bose.

Bivugwa ko uru ruhagarara ata sano rufitaniye n'ibitero vyo mu kirere no hasi biherutse gukorwa na reta ya Ethiopia mu ntara ya Tigray iri mu buraruko bw'igihugu mu kwezi guheze.

Muri iyo ntambara yabaye muri ako karere, abaharurwa mu majana mbere no mu bihumbi nibo bavugwa ko bahasize ubuzima, mu gihe abandi 50.000 bahungiye mu gihugu kibanyi ca Sudani.