Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ethiopia: Ibintu bitanu woba utari uzi kuri Tigray
BBC Gahuzamiryango iratangira kubagezaho inkuru mwakunze kurusha izindi muri uyu mwaka dusoza.
Kuva mu ntango z'uku kwezi kwa cumi na rimwe, igisirikare ca leta ya Ethiopia kiriko kiratana mu mitwe n'ingabo zirwanira ubwigenge bwa leta ya Tigray, imwe mu maleta agize iki gihugu.
Vyose vyatanguye igihe aba barwanyi bakora igitero ku kigo ca gisirikare, bakanagerageza no gusahura ibikoresho vya gisirikare, nk'uko vyavuzwe n'umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Abiy Ahmed.
Yagiriza umugambwe uri ku butegetsi muri iyo leta, Tigray People's Liberation Front (TPLF), ko ari wo wakoze ico gitero. Wo urabihakana.
Hari haciye igihe hari icuka kibi hagati y'uyu mugambwe TPLF urongoye iyo leta hamwe na leta ya Ethiopia ifise icicaro ku mugwa mukuru Addis Abeba.
Iki cuka kibi cagiye kuba ndanse kuva mu kwezi kwa gatandatu uno mwaka igihe Bwana Abiy ahagarikiye ibikorwa vy'amatora ku rwego rw'igihugu kubera ikiza karanda ca Covid-19.
Umugambwe TPLF wakiriye nabi iyi ngingo, uratunganya amatora mu kw'icenda - leta ya Ethiopia ivuga ko atemewe n'amategeko.
Mbere uca ufata leta ya Ethiopia ko itemewe n'amategeko, ukavuga ko ikiringo ca Bwana Abiy carangiye.
Tigray ni imwe mu maleta cumi agize igihugu ca Ethiopia, ikaba iri mu buraruko bw'iki gihugu. None iyi leta ya Tigray yoba ifise ibintu nyabaki yisangije?
Ng'ibi ibintu bitanu nyamukuru kuri Tigray:
- Tigray cari icicaro c'ubwami canke igihugu ca Axoum (royaume d'Axoum). Abiga kahise ka Afrika mu mashure bariga ko iki cari igihugu gikomeye cari mu karere k'ihembe rya Afrika cari kigizwe n'Uburaruko bwa Ethiopia, bwa Djibouti hamwe na Eritrea y'ubu. Iki gihugu catanguye mu kinjana ca kane imbere y'umuzo wa Yezu/Yesu, kikaba gifatwa ko cari kimwe mu bihugu vyari bikomeye cane muri kahise, hagati y'ubwami bw'Abaromani (Empire Romain) n'ubwami bw'Abaperesi (Empire Perse);
- Ibisigarira vy'igisagara ca Aksum/Axoum biri mu mutungo wa ONU. Aka karere, kagiye kuba rurangiranwa hagati y'ikinjana ca mbere n'ica 13 inyuma y'umuzo wa Yezu/Yesu, kabonekamwo ivyaranze ubu bwami bigizwe n'iminara miremire, ibirimba, imva z'abami hamwe rero n'urusengero ruvugwa na bamwe ko ari rwo rubitswemwo rya Buye ririko ya masezerano Imana yagiriranira na Musa (Arche d'Alliance), ikamuha ya mabwirizwa cumi ku musozi wa Sinai (Sinaï);
- Abantu nka bose baba i Tigray ni abakirisitu begukira idini ry'aba Katolika b'aba Orthodox rya Ethiopia. Akahise ka gikristu muri aka karere kamaze imyaka 1600;
- Ururimi nyamukuru ruvugwa muri aka karere rwitwa Tigrinya, ururimi rw'igisemite rufise inkomoko mu karere ka Aziya y'uburasirazuba bwo hagati, rukaba ruvugwa n'abantu baharurwa mu miliyoni indwi kw'isi yose;
- Igiterwa nyamukuru njabukamazi (kirungikwa mu makungu) kirimwa muri kano karere ni sesame, iki naco kikaba gishorwa muri Amerika, mu Bushinwa hamwe no mu bindi bihugu.