Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Russia yarungitse abigisha ba gisirikare 300 muri Centrafrique
Uburusiya bwarungitse izindi ngabo 300 muri Centrafrique guhangana n'ico ubushikiranganji bw'imigenderanire bwise "ibibazo vy'umutekano ugenda uhungabana bikomeye".
Uburusiya buvuga ko reta ya Centrafrique yasavye ubutabazi kubera ihanganye n'imirwi y'inyeshamba mu gihe hitezwe amatora ku wa Mungu uza.
Uwahoze arongoye ico gihugu François Bozizé arahakana ko ata nteguro y'ugutembagaza ubutegetsi afise.
Ingabo z'ishirahamwe ONU zijejwe kubungabunga amahoro muri ico gihugu zivuga ko ibitero vy'inyeshamba vyahagaritswe.
Icegera c'umushikiranganji w'imigenderanire w'Uburusiya, Mikhail Bogdanov, avuga ko ingabo z'Uburusiya ata ruhara zagize muri izo ntambara zo muri Centrafrique kandi ko aba bigisha ba gisirikare "atari igisirikare canke ingabo zidasanzwe".
Hagati aho, umuvugizi wa reta ya Centrafrique yasubiwemwo n'itororokanirizo ry'amakuru AFP avuga ko Uburusiya bwarungitse "ingabo ziharurwa mu majana n'ibirwanisho vya rutura" mu ntumbero yo gufasha reta.
Uyu muvugizi, Ange Maxime Kazagui, avuga ko izi ngabo zarungitswe mu rwego rw'amasezerano hagati y'ibi bihugu, nk'uko bivugwa na AFP.
Abajejwe umutekano b'Abarusiya bakora ku giti cabo baragiye gufasha reta ya Centrafrique no gufasha gukingira ibigo bikuru bikuru vy'ubutunzi.
U Rwanda, igihugu gisanzwe gifise ingabo muri Centrafrique mu rwego rwa ONU, na rwo nyene ruherutse gutangaza ko rwongereje ingabo zarwo muri ico gihugu mu ntumbero yo gufata mu mugongo reta.
Perezida Paul Kagame avuga izo ngabo nshasha ziherutse kurungikwa zizoba zifise "amategeko mashasha azozishoboza gukingira ingabo zacu kugira ntiziterwe, zongere zikingire n'abasivire".
Abasirikare n'abaporisi barenga 750 bava mu Rwanda nibo bari basanzwe bararungitswe mu bikorwa vya ONU vyo kubungabunga amahoro n'umutekano muri Centrafrique mu rwego rwa MINUSCA.
Ingabo za Minusca zararungitswe hanze y'umugwa mukuru Bangui "kuzibira ibitero vy'imirwi yitwaje ibirwanisho", nk'uko bivugwa na AFP isubiramwo amajambo y'umuvugizi wa ONU.
Umukuru w'igihugu ca Centrafrique Faustin Archange Touadéra ashimangira ko amatora ategekanijwe kuri uyu wa Mungu ategerezwa kuba ukuri kwamye, agasaba abanyagihugu kutagira ubwoba kubera hari igisirikare n'ingabo za ONU.
Ariko imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi, harimwo n'uwa François Bozizé isaba ko aya matora yunguruzwa "gushika amahoro n'umutekano bisubiye kugaruka".
Imirwi y'inyeshamba yarigaruriye ibisagara bitari bike hafi y'umugwa mukuru Bangui, aho itana mu mitwe n'ingabo za reta ikanasahura abanyagihugu, ONU ikavuga ko ingabo zayo ziriko zirakora kugira ngo iki gisagara ntigihave cugaranwa n'izi nyeshamba.
Umuvugizi wa François Bozizé, Christian Guenebem, avuga ati: "Turahakanye twivuye inyuma ko François Bozizé ari inkomoko y'akabi ako ari ko kose".
Centrafrique ni kimwe mu bihugu vya Afrika bikenye cane kandi vyamunzwe n'indyane, n'aho ubutaka bwaco bwuzuye ubutare harimwo ubwa diamand na uranium.
ONU ivuga ko hafi igice c'abanyagihugu kibeshejweho n'imfashanyo y'abagiraneza kandi ko ica gatanu cabo bataye izabo.
Ku wa 03 z'uku kwa cumi na kabiri, sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro muri ico gihugu yarakuye François Bozize ku rutonde rw'abahiganwa, ivuga ko adakwije ibisabwa ku "nyifato nziza" isabwa ku bahiganwa kubera umutahe mpuzamakungu yasohorewe hamwe n'ibihano yafatiwe na ONU. Yagirizwa ubwicanyi butandukanye, kuboreza igufa abnyagihugu hamwe n'ayandi mabi atandukanye mu gihe yari ku butegetsi.
François Bozizé yari yashitse ku butegetsi atembagaje inzego mu 2003, akaba yaratsinze mu matora abiri vyabonetse ko yabaye mu manyanga. Yirukanwe mu 2013 n'umhari Séléka - ihuriro ry'inyeshamba ryari rihuriyemwo ahanini n'urwaruka rwo mw'idini rya Isilamu - wamwagirije ko yahonyanze amasezerano y'amahoro.