US: Putin yakeje Biden inyuma y'uko intumwa z'itora zemeje intsinzi yiwe

Umukuru w'igihugu c'Uburusiya Vladimir Putin yabaye umwe mu bategetsi banyuma bakomeye kw'isi bakeje umukuru w'igihugu aherutse gutorwa Joe Biden ku ntsinzi yiwe.

Uburusiya bwari bwatangaje ko bwategerezwa kurindira ko ivyavuye mu matora yo mu kwa cumi na rimwe vyemezwa burundu kugira ngo bwemere ko koko yatsinze.

Uyu munyapolitike Biden wo mu mugambwe w'abaharanira Demokarasi yatsinze ayo matora mu kuronka intumwa z'itora 306 kuri 232 za Perezida Trump bari bahanganye.

Gushika ubu, Perezida Trump ntaremera ko yatsinzwe, akavuga ko amatora yabayemwo ubusuma, ariko ntatange ivyemezo.

Igikorwa co kwemeza intsinzi ya Biden cakozwe n'intumwa z'itora ku wa mbere ni imwe mu ntambwe nkenerwa kugira ngo Biden ashobore gushikirizwa amabanga.

Mitch McConnell, umwe mu ncuti zikomeye za Perezida Trump akaba ari we arongoye abakenguzamateka b'aba Repubulika mu nama nkenguzamateka, nawe yakeje Biden, uru rukaba ari uruhombo rukomeye cane kuri Trump.

Abategetsi batari bake b'ibihugu vya rutura barakeje Biden haciye imisi mike atsinze amatora yo ku wa 03 z'ukwa cumi na rimwe, bimaze kugaragara ko yatsinze Perezida Trump.

Imigenderanire hagati ya Biden na Perezida Putin ntiyari myiza cane igihe Biden yari icegera ca Perezida Barack Obama.

Umukuru w'igihugu wa Mexique Andrés Manuel López Obrador na we nyene yakeje Biden.

Eka n'umukuru w'igihugu wa Brezili, Jair Bolsonaro, na we nyene yakeje Biden amwipfuriza "kuroranirwa mu mabanga yiwe" nk'uko vyamenyeshejwe n'ubushikiranganji bw'imigenderanire ya Brezili nijoro.

Umwe mu bategetsi azwi ko atarakeza Biden ni umukuru w'igihugu ca Koreya ya Ruguru, Kim Jong-un.

Putin yavuze iki mu butumwa bwiwe?

Nk'uko itangazo ryo mu biro vy'umukuru w'igihugu w'Uburusiya ribivuga, Perezida Putin yipfurije Biden kuroranirwa mu bikorwa vyiwe vyose, anavuga ko yiteguye gukorana nawe no kuvugana nawe.

Iri tangazo ryongeyeko y'uko "yizeye ko Uburusiya na Amerika, ibihugu bifise amabanga adasanzwe mu bijanye n'umutekano w'isi, bishobora, gufasha mu gukuraho inzitizi no gukemura ibibazo vyinshi bihanze isi, naho hari ivyo bidahuriyeko".

Hagati aho, abihweza ibintu n'ibindi bavuga ko Biden ashobora gufata inzira igumye gusumba Perezida Trump, na rirya afata Putin nk'umutegetsi akoresha igikenye.

Uburusiya busanzwe bwagirizwa ko bwivanze mu matora yo mu 2016 mu ntumbero yo gufasha Trump gutsinda ayo matora.

Perezida Putin yabanje kurindira hafi ukwezi n'igice kugira ngo akeze Biden, mu gihe mu 2016 yakeje Trump haciye umusi umwe gusa amatora aheze.