Pakistan yemeje itegeko ryo gushahurwa hakoreshejwe imiti ku bafata abagore ku nguvu

Umukuru w'igihugu ca Pakistani yateye igikumu kw'itegeko rishasha ryo kurwanya abafata abagore ku nguvu mu ntumbero yo kwihutisha imanza no gufata ibihano ruhasha.

Iri tegeko rizoshiraho igitabo c'igihugu co kwandikamwo amazina y'abagirizwa gufata ku nguvu, rikingire ababikorewe mu kunyegeza amazina yabo, kandi rigatanga uburenganzira bwo gushahura bakoresheje imiti bamwe bamwe mu bafata abagore ku nguvu.

Amasentare adasanzwe azokora ico gikorwa azokurikirana izo manza mu buryo bwihuse kandi afate ingingo mu kiringo kitarenga amezi ane.

Iri tegeko rije inyuma y'imyiyerekano yo kwiyamirizwa iri hohotera rishingiye ku gitsina, inyuma y'aho umugore aba hanze y'igisagara ca Lahore afatiwe ku nguvu n'ikirwi c'abantu.

Ivyabaye kuri uyu mugore biteye intuntu.

Bamukwegeye hampande y'ibarabara rija muri ico gisagara, maze bamusambanya ku nguvu imbere y'abana biwe babiri. Ku musi ukurikira, umukuru w'igiporisi mu gisagara ca Lahore yivugiye ko nyene gufatwa ku nguvu na we nyene yabigizemwo uruhara.

Aya majambo, afatanye n'ikubagurwa ry'agahomerabunwa uyu mugore yakorewe, yateye uburakari Abanyapakistani, maze biha amabarabara igihugu cose, ivyatumye reta yemera ko igiye gufata ingingo.

Mu kwezi guheze, umushikiranganji wa mbere, Imran Khan, na reta yiwe baremeje iri tegeko, umukuru w'igihugu nawe, Arif Alvi, akaba yaraye ariteyeko igikumu nijoro ku wa kabiri.

Reta ifise imisi 120 kurishikana imbere y'inama nshingamateka kugira ngo ryemezwe burundu. Gushika ico gihe, rizobandanya rikoreshwa.

Hagati aho, hari bamwe banegura iri tegeko, bakavuga ko ibi bihano birenze urugero, kandi ko batabanje kubaza abanyagihugu imbere y'uko baryemeza.

Hari ibindi bihugu bisanzwe bikoresha imiti yo gushahura - imiti igabanya inguvu mpuzabitsina - mu guhana abagiriwe n'icaha co gufata ku nguvu.

Mu 2016, Indonesia yaremeje itegeko ryo gukoresha iyi miti ku bafata abana b'abahungu ku nguvu, nayo Pologne ikaba yemeje iri tegeko ku bantu bakuze bafata abana ku nguvu, mu 2009.

Kuva mu myaka mike iheze, Pakistani isa n'iyahagurukiye ikibazo co gufata ku nguvu.

Mu 2015, hari umugore yafashwe ku nguvu n'umurwi w'abantu mu kigwati kiri mu misozi, maze ireresi ikwiragizwa ku mbuga hwaniro. Ico gihe, nta tegeko igihugu cari gifise ryo guhagarika ikwirakwizwa ry'iyi reresi.