DR Congo: Ibintu ntivyoroshe mu nama nshingamateka

Hadutse imishamirano ikomeye mu nama nshingamateka ya Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo hagati y'abashingamateka bo mu mugambwe wa Joseph Kabila hamwe n'abo mu mugambwe wa Perezida Félix Tshisekedi, hakomereka abatari bake.

Umurwi w'abanywanyi b'umugambwe w'uyu yahoze arongoye igihugu, Joseph Kabila, bagiye guhagarika inama y'abashingamateka bariko biga ingene umukuru w'inama nshingamateka yobogozwa.

Amareresi yakwiragiye ku mbuga hwaniro yerekana abantu baterana intebe bongera bonona ibikoresho vy'ibiro vy'inama nshingamateka biri ku mugwa mukuru, Kinshasa, igipolisi naco kirabashwiragiza.

Impari zavuye ku cipfuzo ca Perezida Félix Tshisekedi co gushinga reta nshasha, ariho yatangura kwegera abashingamateka kugira abumvishe uwo mugambi maze aronke igitigiri kinini c'abomushigikira.

Abo bashingamateka bakoze amatora ejo ku wa mbere bemeza ko umukuru w'inama nshingamateka Jeannine Mabunda ari mu mugambwe wa Kabila abogozwa, bakamwagiriza ko ayoboye nabi iyi nama nshingamateka, ariko wewe akaba atariho yari ari.

Ibi ni ikimenyetso c'icuka kibi hagati ya Perezida Tshisekedi n'uwo yasubiriye, Joseph Kabila - mu gihe abanywanyi biwe bafise uruhara runini mu nama nshingamateka hamwe no mu nama nshikiranganji.

Ku wa Mungu, Perezida Tshisekedi yatangaje ko imigambi yiwe yo guhindura ibintu mu gihugu ihura n'inzitizi, akaba yashaka gushinga reta nshasha y'ubumwe, canke naho ahamagaze amatora mashasha.