Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
MSF yakuye akarenge mu buseruko bwa DR Congo
Ishirahamwe ry'abaganga batagira imbibe Médecins Sans Frontières (MSF), ryakuye akarenge mu karere ko mu buseruko bwa Republika ya Demokarasi ya Congo.
Mw'itangazo ryashizwe ahabona kuri uyu wa kabiri, MSF yavuze ko yafashe ingingo yo guhagarika ibikorwa vyayo i Kimbi na Baraka mu karere ka Fizi, bivuye ku bitero bitandukanye vyakozwe kuri iryo shirahamwe muri uyu mwaka.
Abakozi ba MSF bavuye muri ako gace ko mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko mu kwezi kw'indwi.
Muri iryo tangazo, umuyobozi ajejwe ibikorwa muri MSF, Ellen van der Velden, agira ati: "Ibindi bitero vyitezwe hamwe n'inkurikizi mbi yavyo ku bakozi bacu bigeze ku rugero tudashobora kwemera".
Iryo tangazo ryongerako ko "ukwiyongera kw'ibikorwa vy'ubwicanyi n'imigwi yitwaje ibigwanisho mu buseruko bwa DR Congo vyatumye haba imidurumbanyo n'ibitero ku basivire ku rugero rubabaje cane, harimwo ubwicanyi bwateguwe n'ubundi bugizi bwa nabi buteye agahinda, harimwo no gufatwa ku nguvu."
Imigwi ishika hafi 70 yarateye igikumu ku masezerano yo guhagarika intambara itariki 17 z'ukwezi kw'icenda uyu mwaka mu gisagara ca Murhesa, ariko utwigoro tumaze imyaka two kugarukana amahoro muri ako karere nta co turashikako.