Japan igiye gutanga amahera yo gufasha abanyagihugu kwongereza imvyaro

Japan has one of the world's lowest fertility rates

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ubuyapani ni kimwe mu bihugu bifise ibitigiri bito vy'abashobora gutwara imbanyi

Ubuyapani butegura kwongereza imvyaro mu gushira amahera mu buhinga bwa none, AI, bwo guhuza abantu bwofasha abanyagihugu kuronka abo bakundana.

Kuva mu mwaka uza, ico gihugu kizotangura gutanga imfashanyo y'amahera ku butegetsi bwo hagati mu gihugu buza bwaratanguye canke buriko buratangura uwu mugambi w'ugukoresha ubu buhinga bwa none mu guhuza abantu.

Mu mwaka uheze, igitigiri c'abana mu Buyapani cari musi ya 865.000 - igitigiri ca mbere kiri hasi cane.

Ico gihugu kirimwo abantu bashaje cane kurusha ibindi kw'isi, kiriko kirarondera uko cohindura, hakongerezwa igitigiri c'abasama imbanyi gisanzwe kiri hasi cane kurusha ahandi kw'isi.

Guhimiriza ikoreshwa ry'ubuhinga bwa Al, ni kamwe mu twigoro twa vuba turiko turakoreshwa.

Itororokanirizo ry'amakuru AFP rivuga ko mu mwaka uza, reta itegura guha inzego zo hasi imiliyoni 19 z'amadolari, mu ntumbero yo kwongereza imvyaro.

Benshi barakoresha uburyo bugenzurwa n'umuntu bwo guhuza abantu, abandi bakaba barazanye ubuhinga bwa Al, mu cizere ko bushobora gufasha mu mwihwezo wo ku rwego rwo hejuru ku biranga umuntu.

Uburwo buke bwari buhasanzwe bwo guhuza abantu bugarukira gusa ku gusuzuma abakwije ibisabwa, nk'umushahara n'imyaka, bagahuzwa ari uko ivyo vyose basanze bihura.

Ibinyamakuru vyo mu Buyapani bivuga ko ayo mahera afise intumbero yo gukoresha ubuhinga buzimvye buteye imbere, bufatira ku bintu umuntu akunda hamwe n'imigenzo yiwe.

Umwe mu bakozi bo mu bushikiranganji yabwiye AFP ati: "Dutegekanya guha cane cane imfashanyo inzego zo hasi aho bariko barakora canke bariko baratanguza umugambi wo guhuza abantu ukoreshwa na Al".

"Twizeye ko iyo mfashanyo izofasha mu gutorera inyishu ikibazo c'igitigiri gito c'abana bavuka mu gihugu cose."

Vyitezwe ko abantu baba mu Buyapani bazova ku miliyoni 128 bari bahari mu 2017 bamanuke gushika musi y'imiliyoni 53 mu mbere z'ikinjana.

Abafata ingingo bariko basiganwa no kuraba ko abaronswa ubuzi bashobora guhangana n'ikibazo c'ubuzima bugenda buzimba.

Sachiko Horiguchi, ashinzwe ivyo imibano n'akaranga kuri kaminuza ya 'Japan's Temple', yibaza ko hari ubundi buryo bwiza gusumba reta yokoresha mu kwongereza imvyaro gusumba gushira amahera mu mugambi wa Al wo guhuza abantu - nko gufata mu mugongo urwaruka ruhembwa umushahara muto.

Yagarutse ku cegeranyo giheruka cerekana isano riri hagati y'umushahara muto no kutitaho ivyo urukundo mu Bayapani bakuze.

Dr Horiguchi yabwiye BBC ati: "Nibaba ko batitayeho ivyo kuresha, kubahuza bisa n'uko ata co bizoshikako.

"Nitwaba twipfuza gushira imbere ubuhinga, amarobo [robots] ya Al azimbutse yofasha mu bikorwa vyo mu nzu canke mu gusigarana abana yogira ico afashije gusumba".

Abihweza ibintu n'ibindi bamaze igihe berekana ko abapfasoni bakora akazi mu Buyapani badafashwe mu mugongo, aho biboneka cane ko abo bapfasoni bazokora imirimo yose y'urugo bongere birerane abana iruhande y'ako kazi basanzwe bakora.

Reta ivuga ko ishaka gutera intege abapfasoni benshi mu gukora akazi imisi yose, ariko igihengeri kiri hagati y'abagabo n'abapfasoni cariyongereye.

Mu cegeranyo co mu 2019 c'umugwi mpuzamakungu wihweza ivyerekeye ubutunzi [World Economic Forum] ku busumbasumbane bw'ibitsina, Ubuyapani bwaza mu kibanza ca 121 ku bihugu 153, bukaba bwasubiye inyuma ibibanza 11 ugereranije na 2018.