Japan: Kubika amagi yabapfasoni mu kwongereza imvyaro

Ubutegetsi bw'igisagara kimwe co mu gihugu c'Ubuyapani, bwatanguje isekeza ryo gufasha abapfasoni kuriha amahera yo kubikisha amagi yabo, nk'ingingo yotuma imvyaro ziyongera.
Igisagara ca Urayasu kiri mu micungararo y'umugwa mukuru Tokyo, categekanijwe amadolali ibihumbi amajana umunani na mirongo itanu yo gufasha kubika amagi y'abapfasoni, uzoba ubaye umugambi nk'uwo wa mbere ugizwe kw'isi.
Abahinga bo mu bitaro vyahawe ako kazi bavuga ko, bemera ko ibikwa ry'ayo magi y'abapfasoni, rizobafasha kwibaruka abana bamaze kwitegura neza, no kwongereza igihe bashobora kumarana abana babo.

Reta y'Ubuyapani iriko irarondera uburyo bwo kwongereza abantu inyuma y'aho ibiharuro vyerekaniye ko igitigiri c'abanyagihugu cagabanutse kw'abantu barenga umulioni mu myaka itanu gusa iheze.






