Uganda: 'Maze guhakwa kwicwa incuro zibiri mu ndwi zibiri' – Bobi Wine

Uwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu wa Uganda akaba n'umuririmvyi, Robert Kyagulanyi, azwi kw'izina rya Bobi Wine, yabwiye CNN ko amaze guhakwa kwicwa muri izi ndwi zibiri ziheze, imbere y'uko haba amatora mu kwezi kuza.

Mu ndwi iheze, uwo munye politike yarahagaritse gato imyiyamamazo yiwe inyuma y'aho abagize umugwi umufasha muri ico gikorwa bakomerekeye, imodoka yiwe na yo irononekara.

Yabwiye umumenyeshamakuru Christiane Amanpour wa CNN ko abiyamamaza badahiganwa mu buryo bungana kandi ko "igisirikare ari co casubiriye igipolisi mu kugenzura iyo myiyamamazo".

Yavuze ati: "Vyabaye ngombwa ko nambara ibintu vyo kwikingira amasasu kugira nshobore kwiyamamaza. Maze guhakwa kwicwa incuro zibiri mu ndwi zibiri ziheze aho amasasu yarashwe ku modoka yanje, ku mapine no ku kiyo c'imbere [pare-brise]."

Muri Uganda hazoba amatora kw'itariki ya 14 z'ukwezi kwa mbere mu 2021. Bobi Wine ariko aragerageza gutsinda Prezida Yoweri Museveni, amaze imyaka 34 ari we aramutswa ico gihugu.