Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uganda: Bobi Wine yatawe muri yompi ari mu myiyamamazo, haca haduka imigumuko i Kampala
Umwe mu bariko biyamamariza ikibanza c'umukuru w'igihugu muri Uganda Robert Kyagulanyi azwi kw'izina rya Bobi Wine yahagaritswe n'igipolisi c'ico gihugu mu karere ka Luuka.
Bobi Wine yatwawe igikubikubi n'igipolisi mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu kimukuye aho yategerezwa gukorera imyiyamamazo, nk'uko bimenyeshwa n'abajejwe imyiyamamazo yiwe.
Kimwagiriza kwegeranya abantu barenga 200 bemewe n'umurwi ujejwe gutegura amatora, imwe mu ngingo zafashwe muri ico gihugu mu ntumbero yo kurwanya ikwirakwira rya ca kiza karanda ca Covid-19.
Uyu munyamuziki yabaye umunyapolitike asanzwe ari umwe mu batavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Perezida Yoweri Museveni, we n'abanywanyi biwe bakaba bakunze gushamirana n'abajejwe umutekano.
Abajejwe imyiyamamazo y'uyu mukuru w'umugambwe National Unity Platform (NUP) bavuga ko igipolisi cashitse ahari hakoraniye isinzi ryari ryitavye iyo myiyamamazo yiwe kikabatera vya vyuka bikoroza amosozi.
Abamuburanira babwiye BBC ko uyu munyapolitike ahanganye na Perezida Museveni apfungiwe mu gisagara ca Jinja ku kirindiro c'igipolisi c'ahitwa Nalufenya, ikibanza kizwi ko cahoze gipfungirwamwo abagirizwa iterabwoba.
Ibi vyatumye haduka imigumuko mu bice bimwe bimwe vy'umugwa mukuru Kampala no mu bindi bisagara hanze y'umugwa mukuru kuri uno muhingamo, aho abanywanyi biwe bariko basaba ko arekurwa.
Ibinyamakuru vyo muri Uganda bitangaza ko hari n'aboba bamaze kuhasiga ubuzima. Hari amasanamu yakwiragijwe ku mbuga hwaniro yerekana abantu buzuye amaraso, bamwe badakoma, basa n'abarashwe bagapfa.
Ihagarikwa rya Bobi Wine ribaye inyuma y'aho umukuru w'igipolisi ca Uganda Martin Okoth Ochola agabishirije abariko bariyamamaza bahonyanga ingingo yafashwe n'umurwi ujejwe gutegura amatora mu ntumbero yo guhagarika ikwirakwira rya Covid-19.
Bobi wine, asanzwe ariko arondera gukura ku butegetsi Perezida Museveni arongoye Uganda kuva mu 1986, amaze iminsi aboneka ariko ashikiriza ijambo isinzi ry'abantu hatubahirijwe ingingo ngenderwako zo kurwanya Covid-19.
Hari n'amasanamu yakwiragijwe ku mbuga hwaniro yerekana umugambwe NRM wa Perezida Museveni wakoranije isinzi ry'abanu, nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru Daily Monitor co muri ico gihugu.
Iki kinyamakuru gisubiramwo amajambo y'uyu mukuru w'igipolisi aho amenyesha ko igisata kijejwe ivyaha vya politike n'amatora cahawe amasanamu y'amakoraniro atandukanye kandi ko kiriko kiregeranya ivyemezo kugira ngo kirengutse abiyamamaza bahonyanga amategeko.
Vyitezwe ko amatora y'umukuru w'igihugu muri Uganda azoba mu kwa mbere kw'umwaka uza wa 2021.
Imyiyamamazo ibandanya yararanzwe n'imigumuko iturutse ku gipolisi gitera ivyuka bikoroza amosozi mu gusanzaza abari mu makoraniro y'abatavuga rumwe n'ubutegetsi.