US: Impungenge z’uko abakobwa bomubenga ziri mu vyatumye asaba kwongererezwa uburebure

Buri mwaka, abantu amajana n'amajana kw'isi baribagisha amaguru kugira ngo bongererezwe uburebure, igikorwa gifata igihe kitari gito kandi kibabaza. Ariko kubera ari inzira ndende, abahinga muvyo amagara y'abantu bavuga ko bigira ingaruka mbi z'igihe kirekire.

Sam Becker yaboneka ko ari we muremure igihe yari akiri mu mashure mato, ariko amaze kurangiza amashure yisumbuye, yagiye kwisanga abo bigana bamusumba kure.

Ati: "Maze kuja kuri kaminuza, nagiye nisanga ndi mugufi gusumba abandi bahungu, mbere n'abakobwa".

"Ibi biragira ingaruka ku buzima bwawe. Mvugishije ukuri, abakobwa ntibemera kureshwa n'abahungu basumvya uburebure. Ariko ikintu gikomeye cane kwari ukwama nibaza rimwe na rimwe ko ntazigera ndonka umugore".

Sam w'imyaka 30 asanzwe aba mu gisagara ca New York, yibaza ko yari kubandanya aba muremure, n'aho ku mutima yari azi ko yamaze kurenza imyaka yo gukura.

Ati: "Naguma nibaza ko kugira ugire aho wishikana mu buzima wategerezwa kuba uri muremure. Nico gituma rero nahavuye nigira inama".

None ubwo nzoshobora gutambuka?

Sam yamaze igihe yibaza ingene yobigenza kugira abe muremure, akama abona ko yokwambara ibirato birebire agakora n'imyimenyerezo ngororamubiri, ariko ivyo ntivyamunyuze.

Igihe amenyeye ko bashobora kumwongerereza amaguru, yaciye yumva ko ari wo muti nyawo.

Amaze kuvugana na nyina wiwe, akanihweza ingaruka zishoboka kumushikira, yaciye afata ingingo ntabanduka ko umuti w'ingorane yiwe ari ukubagwa. Niho rero mu 2015 yabagwa amaguru, maze baramwongerereza uburebure, ava kuri sentimetero 162 (162cm) ashika kuri sentimetero 170 (170cm).

Ati: "Igihe mbonana na muganga ubwa mbere, yaransiguriye neza ko iki gikorwa kitoroshe. Icari kimpagaritse umutima kwari ukumenya ubushobozi nzoba mfise bwo gukora ico nshaka ni namara kwongererezwa uburebure. Ubwo nzoshobora gutambuka? Ubwo nzoshobora kwiruka?

"Maze gukorwa, nategerezwa kwama nja kwigoroza, nka gatatu canke kane mu ndwi, amasaha makeya buri musi. Ibi nabikoze mu kiringo c'amezi nk'atandatu. Vyari ibintu biteye isoni. Bwari nk'ubusazi...iyumvire amaguru yawe yompi bakamena, hanyuma ugasubira kwiga gutambuka gushasha".

Umugirwa wo kubaga amaguru mu kwongerereza abantu uburebure usanzwe ukorwa mu bihugu bitari bike, mbere abantu bamwe bagashobora kwongererezwa uburebure gushika kuri sentimetero 13 (13cm).

N'aho bigoye kumenya igitigiri c'abantu babikorerwa buri mwaka, ibigo vy'ubuvuzi bivuga ko ari umugirwa ugenda wirukirwa cane. BBC yavuganye n'ibigo vy'ubuvuzi bitari bike kw'isi ku bijanye n'icuro basanzwe babikorera abantu, ariko ibiharuro bigenda bisumbasumbana.

Mu bigo bikomeye vyo muri Amerika, mu Budagi na Koreya y'Ubumanuko, uwu mugirwa ukorwa ku ncuro hagati y'100 na 200 uko umwaka utashe. Ibindi - harimwo Espagne, Ubuhindi, Turukiya n'Ubutaliyano - ni hagati ya 20 na 40 ku mwaka. Mu Bwongereza ibitigiri biracari hasi bukebuke - incuro 15 ku mwaka. Amavuriro hafi nka yose BBC yavuganye nayo yavuze ko uwu mugirwa wiyongera umwaka ku mwaka.

Mu Bwongereza, bikorwa mu mavuriro make y'abigenga, ku giciro gishobora gushika ku madorari y'abanyamerika 67.000, mu gihe muri Amerika igiciro kiri hagati y'amadorari 75.000 na 280.000.

Ni igikorwa gifata umwanya muremure, kizimvye kandi kibabaza. Ni igikorwa catangujwe na Gavril Ilizarov, umuganga w'umurusiya yavura abasirikare bari bakomerekeye ku rugamba mu ntambara ya kabiri y'isi yose.

Bigenda gute?

Batobora amagufa y'amaguru - mu nyuma agacikamwo kubiri. Baca bagushiramwo icuma bakagifatanya n'imisumari (vis/screws). Ico cuma rero kigenda congerezwa bukebuke uburebure gushika kuri mirimetero imwe (1mm) ku munsi, bikabandanya gushika aho nyene kubikorerwa ashikiriye uburebure yipfuza, hanyuma rero amaguru akagenda asubirana bukebuke.

Nyene kubikorerwa akenera amezi atari make akorerwa ibikorwa vyo gusubirana kugira ngo asubire akomere. Uwu mugirwa urimwo ingaruka indiri n'indiri zikomeye cane, harimwo imitsi ishobora kwononekara, kuva amaraso mbere ugasanga biranashitse bikanka ko amagufa asubira gufatana.