Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umufaransakazi yitwariye ubutegetsi ku vyuka bihungabanya amagara
Umufaransakazi yitwariye ubutegetsi bw'igihugu muri sentare kuberako butamukingiye ku vyuka bibi bihungabanya amagara mu gisagara ca Paris.
Clotilde Nonnez, w'imyaka 56, yigisha yoga, avuga ko amaze imyaka 30 aba ku mugwa mukuru, ko ubuzima bwiwe buguma butituka.
Vyunyutse kurusha igihe ivyuka bigwiriye kurusha ibindi bihe mu gisagara ca Paris, mu kwezi kwa 12 umwaka uheze.
Uwumwunganira mu rubanza avuga ko ivyuka bibi bitwara ubuzima bw'abantu 48000 ku mwaka.
"Dushaka ngo ubutegetsi bwikubite agashi kuberako tubona ingorane zitegwa n'ivyuka bibi bitewe nuko ataco bukora mu kubigwanya," niko François Lafforgue yabwiye ikinyamakuru Le Monde.
Hari imanza nyinshi zigiye gushingishwa mu mayinga aza, i Lyon, Lille n'ahandi, niko yabandanije avuga.
Igisagara ca Paris kimaze imyaka kigwanya ivyotsi, ubutegetsi bukaba butangisha amande ku bantu batwaye imiduga idafise "Crit'Air" (urukaratasi rwerekana ko umuduga utarekura ivyuka bihungabanya amagara).
Amabarabara menshi yo ku mugwa mukuru yarugariwe imiduka ku birometero 3 ku nkengera y'uruzi Seine, haca abanyamaguru gusa.
Umupfasoni Nonnez avuga ko yarafise amagara meza, ubwa mbere ari umutamvyi, ubwa kabiri yigisha yoga, ariko akaba amaze igihe afise ingorane zo guhema, akagira n' ingwara za asima n'umusonga.
"Umuganga amvura yambwiye ko igisagara ca Paris cuzuye ivyuka bibi, ko duhema umwuka ucafuye. Afise abandi avura nka jewe, abana hamwe n'inzoya. Uwumvura umutima nawe nyene niko yambwiuye," niko yabwiye ikinyamakuru France Info.