Ethiopia: Umukuru wa UN António Guterres asaba ko abasivile bakingirwa mu karere ka Tigray

Ahavuye isanamu, Reuters
Umunyamabanga mukuru wa ONU, António Guterres, "atewe umwitwarariko" n'uko ibintu vyifashe mu karere ka Tigray muri Ethiopia, nkuko bivugwa n'umuvugizi wiwe Stéphane Dujarric.
Kandi akaba ashigikiye utwigoro tw'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika two gusukamwo mabisi.
Guterres yasavye ko abasivile bakingirwa mu gihe igisirikare ca Ethiopia kigabisha ko kigiye kugira igitero simusiga ku mugwa mukuru w'ako karere, Mekelle.
Dujarric yagize ati:
"Turakurikira n'umwitwarariko mwinshi inkuru zivuga ko hashobora kuba igitero ca gisirikare mu micungararo ya Mekelle".
"Umunyamabanga mukuru aratewe impungenge n'ingaruka bizogira ku basivile, n'ubushobozi dufise bwo gushikana imfashanyo muri ako karere bisa n'ibidashoboka kurangurirayo ico gikorwa."
"Yateye akamo abategetsi ba Ethiopia gukora ibishoboka vyose mu gukingira abasivile, kwubahiriza agateka ka zina muntu n'uko imfashanyo za nkenerwa zishikira abazikeneye cane".
Imirwano hagati ya reta ya Ethiopia hamwe n'abasirikare b'intara ya Tigray imaze igihe kirenga indwi zitatu.
Bivugwa ko abantu amajana n'amajana bishwe abandi ibihumbi amacumi barahunga.
Amakungu asabwa 'kutivanga'
Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Abiy Ahmed yagumye asubiramwo ko Ethiopia itazorya ugwara abasivile mu mirwano arimwo n'ingabo za Tigray.
Ariko yasavye amakungu kutavyivangamwo "gushika igihe reta ya Ethiopia izobasaba ubufasha" kuri iyo mirwano iriko ibera i Tigray.
Uwo mushikiranganji wa mbere yavuze ko ategera impungenge z'amakungu.
Itangazo ryasohowe n'ibiro vyiwe rivuga riti: "Nashaka kuvuga ko Ethiopia ishoboye kandi yipfuza gutorera inyishu iki kibazo hisunzwe amategeko hamwe n'ivyo yiyemeje imbere y'amakungu".
Abiy yavuze ko igihugu ciwe "ciyamirije ikintu ico ari co cose coza civanga mu bibazo vyaco", aca asaba amakungu "kwubahiriza amategeko y'ibanze yo kutivanga mu vyerekeye ikindi gihugu nk'uko biri mu mategeko mpuzamakungu".










