Ethiopia yasabwe 'kwirinda kubangamira abasivile baba muri Tigray'

Ahavuye isanamu, Reuters
Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch (HRW), ritera akamo Ethiopia ngo ikingire abasivile baba ku mugwa mukuru wa Tigray, Mekelle, mu gihe ingabo z'ico gihugu zisugereje ico gisagara.
Ku musi w'Imana, umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Abiy Ahmed yahaye ikiringo c'amasaha 72 igisirikare ca Tigray kuba cishikanye, ariko umuhari wa TPLF (Tigray People's Liberation Front), ugenzura ako karere kagwiriyemwo imisozi miremire, wiyemeje kubandanya intambara.
Umuyobozi nshingwabikorwa wa HRW, Kenneth Roth, yanditse ku rubuga rwa Twitter ko abasirikare ba Ethiopia "bafise igikorwa co kwirinda kubangamira abasanzwe baba i Mekelle, bareke no gutera ubwoba ko 'ata n'ikinya' bazogira".
Hagati aho, umuhanuzi wo rwego rwo hejuru w'umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed, yavuze ko intumwa z'ubumwe bwa Afrika (AU) zagenywe kuba abahuza mu matati ari hagati ya reta ya Ethiopia n'intara yo mu buraruko ya Tigray, zitazohonyoza ikirenge muri ako karere.
Umukuru w'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika, Cyril Ramaphosa, arongoye igihugu ca Afrika y'epfo, ku wa gatanu yaragenye uwahoze arongoye igihugu ca Mozambique Joaquim Chissano, uwahoze atwara Liberia umupfasoni Ellen Johnson Sirleaf n'uwaze arongoye Afrika y'epfo Kgalema Motlanthe, nk'intumwa zidasanzwe muri ayo matati.
Ariko Mamo Mihretu, umuhanuzi wo mu rwego rwo hejuru w'umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia, yabwiye BBC ko abo bahoze ari abakuru b'ibihugu ko ari batatu bazohura gusa na Abiy.
Umumenyeshamakuru wa BBC Catherine Byaruhanga yabajije Mamo Mihretu ingene izo ntumwa zokora akazi kazo mu gihe zidashobora kubonana n'abakuru b'abatavuga rumwe na bo.
Mamo yishuye ati: "Ubu Tigray iriko irakorerwamwo ibikorwa vya gisirikare. Turizeye ko ivyo bikorwa vya gisirikare bigiye kurangira vuba. Mu gihe umuhari TPLF woba ushaka kurangiza iyo mirwano, ico ushobora gukora gusa n'ukwishikana mu mahoro, kandi ivyo ntibikeneye ko hagira umuntu arinda kuja i Tigray canke i Mekelle kubibasigurira."

Ahavuye isanamu, Reuters
Yavuze ko reta yamenyesheje ku mugaragaro ko idashobora kuganira n'abagizi ba nabi.
Ati: "Nibaza ko benewacu na bashiki bacu b'Abanyafrika bogira uruhara rukomeye mu gihe botera igitsure umuhari wa TPLF kugira wishikane".
Yavuze ko izo ntumwa zitatu zizosigurirwa n'umushikiranganji wa mbere ivyerekeye ibikorwa vya gisirikare biriko birabandanya.
Igisirikare ca Ethiopia caheruka kugabisha abantu 500.000 baba mu gisagara ca Mekelle ko gishobora "kuzunguruka" ico gisagara, kikanakigirako ibitero hakoreshejwe ibikoho vya muzinga.
Bivugwa ko iyo mirwano imaze guhitana abantu amajana abandi batari munsi ya 33.000 bata izabo muri izi ndwi zike ziheze. Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryaragabishije ko iyo mirwano ishobora kubangamira abantu bikomeye bagakenera imfashanyo.










