Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Singapour: Abazovyara mu gihe ca coronavirus bemerewe agashimwe mu guhimiriza kuvyara
Singapour yemereye amahera abavyeyi bazokwibaruka, mu ntumbero yo guhimiriza abantu kuvyara muri kino gihe ca coronavirus.
Hari amakenga ko abanyagihugu batagishima kuvyara kubera ikibazo c'ubutunzi n'ubukene bw'akazi.
Ido n'ido ry'aya mafaranga ashobora kurihwa ntibirashirwa ku mugaragaro. Ayo mafaranga yiyongera ku turusho dutandukanye leta irihira inzoya.
Singapour nico gihugu ca mbere kw'isi gifise urugero ruri hasi cane rw'abana bavuka ku mwaka, ikaba imaze imyaka itari mike iri mu rugamba rwo guhimiriza kuvyara benshi.
Bitandukanye cane na bimwe mu bihugu bibanyi nka Indoneziya na Filipine bihanganye n'umuvuduko urenze w'abasama inda kubera ingingo za gumamuruko zafashwe mu ntumbero yo kurwanya coronavirus.
Ku wa mbere, icegera c'umushikiranganji wa mbere wa Singapour Heng Swee Keat yagize ati: ''Twasanze hari abavyeyi bamwe baciye babangira mu nteguro zabo zo kuvyara kubera ikiza ca coronavirus".
Bwana Heng yavuze ko vyinshi bijanye n'igitigiri c'amafranga bazohembwa hamwe n'uburyo bazoyahembwa bizomenyeshwa mu misi iza.
Muri iki gihe integuro y'agashimwe ku bavyeyi bavyara abana itegekanya gushika ku madolari 7.330.
Urugero rw'abashobora kuvyara muri Singapour rwarakorotse gushika ku 8% mu 2018, nkuko ibitigiri biva muri Leta rubivuga, ni ukuvuga ko buri mukenyezi afise amahigwe yo kuvyara abana 1.14.
Ibihugu vyinshi vyo ku mugabane wa Aziya biri mu ngorane nk'iyo y'igabanuka ry'urugero rw'abashobora kuvyara, ibintu bigashobora kuba nabi gusumba muri iki gihe c'amayirabiri avuye kuri coronavirus.
Mu ntango z'uno mwaka, urugero rw'abana bavuka mu Bushinwa rwaragabanutse cane ku rugero rutari bwigere ruboneka mu myaka 70 iheze. Ibi vyagenze uku kandi leta yari yatezuye ingingo yategeka kuvyara umwana umwe rudende yanegurwa cane.
Inzoya zivuka ku muvuduko
Ariko bimwe mu bihugu bibanyi na Singapour bihanganye n'ingorane itandukanye n'iy'iki gihugu.
Mu mazinga ya Filipine, ibiharuro ngereranyo vyerekana ko inda zitari zitezwe zishobora kwiyongera kuva ku gice c'umuliyoni gushika ku miliyoni 2.6 mu gihe abantu bogumizwa mu mazu gushika mu mpera z'uno mwaka, nk'uko ikigo c'ishirahamwe mpuzamakungu ONU citaho igwirirana ry'abantu kibimenyesha.
Mu kwezi guheze, umuvugizi w'ico kigo muri Filipine, Aimee Santos, yavuze ko ibi bitigiri ubwavyo ari ikiza kuri iryo zinga.
Igihugu ca Filipine kiza ubugira kabiri mu bihugu bifise abantu benshi muri Aziya y'ubumanuko ishira ubuseruko, aho bagera ku miliyoni 108.4. Ni igihugu ca mbere casinzikajwe na coronavirus gusumba muri ako karere, aho abagera ku 307.000 banduye.
Mu kwezi guheze, umukenguzamateka Risa Hontiveros arongoye umurwi ujejwe ibibazo vy'abakenyezi mu nama nkenguzamateka, yavuze ati: "Ibi bibazo vy'abagore n'abana biramaze igihe bitibonekeza muri kino gihe ca coronavirus. Harageze ko bishirwa imbere".
Arashigikiye akamo katewe ko abakenyezi bogira ikibanza gikwiye mu murwi w'igihugu ushinzwe kurwanya ikiza ca coronavirus.