Wa Murusiya Alexei Navalny yahabwa isumu yavuye mu bitaro i Berlin

Alexei Navalny yerekanye isanamu yiwe asa n'uwunanutse ariko ahagaze wenyene atawumufashe

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Alexei Navalny yerekanye isanamu yiwe asa n'uwunanutse ariko ahagaze wenyene atawumufashe

Wa Murusiya Alexei Navalny arwanya ubutegetsi bwa Vladimir Putin yavuye mu bitaro i Berlin mu Budagi aho yariko aravurirwa inyuma y'uko ahawe isumu.

Abarongoye ibitaro Charité yariko avurirwamwo bavuga ko amagara yiwe yifashe neza, ari co gituma atakivurwa nk'indembe.

Bwana Navalny yifashe isanamu ayishira ku mbuga hwaniro ahagaze wenyene, iri kumwe n'ubutumwa buvuga ko abaganga bitanze uko bashobora vyose kugira ngo ashobore gukira.

Ubudagi buvuga ko Bwana Navalny, umuntu azwi cane ko anegura ubutegetsi bwa Perezida Putin, yahawe isumu yo mu bwoko bwa Novichok.

Yafashwe ari mu ndege ava mu karere ka Siberia ku wa 20 z'ukwa munani, aca atwarwa ku bitaro Charité biri ku mugwa mukuru w'Ubudagi.

Abakorana nawe bavuga ko yahawe iyo sumu kw'itegeko rya Perezida Putin. Ibiro bya Kremlin bya Bwana Putin bitangaza ko ata ruhara abifisemwo.

Abaganga bavuga iki?

Itangazo ryasohowe n'ibitaro rivuga ko uyu mugabo w'imyaka 44 yari amaze iminsi 32 muri vyo, harimwo iminsi 24 yamaze ari indembe.

Rivuga riti: "Turavye ingene amagara yiwe yagiye atera imbere n'ingene ameze ubu, abamuvura baremeza ko ashobora gukira burundu. Ariko, haracari kare kumenya ingaruka z'umwanya muremure zivuye kuri iyi sumu ikaze".

Mu ntango z'uku kwezi, ibi bitaro vyamenyesheje ko Bwana Navalny yari yatanguye gutora mitende, kandi ko yari yavanywe muri vya vyuma bimufasha guhema, eka ko yashobora no kuvanwa ku gitanda yariko avurirwako.

Ico gihe, leta y'Ubudagi yatangaje ko amazu y'ipimiro (laboratoires) yo mu Bufaransa no muri Suwede (Suède) yemeje inyishu z'ibipimo vyafatiwe mu Budagi vyerekana ko isumu yakoreshejwe kuri Bwana Navalny yari iyo mu bwoko bwa Novichok.

Kremlin ibandanya ivuga ko atakivyemeza.

Hari ico Navalny yoba yavuze?

Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa Instagram ejo ku wa kabiri, Bwana Navalny yaramiriye kure ibivugwa - yikeka ko vyavuzwe na Perezida Putin - ko ari we yihaye isumu.

Ikinyamakuru co mu Bufaransa Le Monde catangaje ko mu kiganiro kuri telefone na Perezida Emmanuel Macron ku wa 14 z'uku kw'icenda, Bwana Putin yavuganye "agasuzuguro kuri Alexei Navalny, amufata nk'umuntu akorogana akoresheje imbuga ngurukanabumenyi, yirwaza indwara zitabaho kuva muri kahise".

Bwana Navalny yanditse kuri Instagram akora kw'itama Perezida w'Uburusiya ati: "Putin yarampinyuye. Nta muntu yomushavurira. Kubera iyo mpamvu, jewe, nk'umusazi, namaze iminsi 18 muri koma ariko sinashoboye gushika ku co nipfuza. Agasotoro karatsinzwe".