Wa murusiya Alexei Navalny yavuye muri koma

Abanywanyi ba Alexei Navalny bavuga ko yahawe isumu kw'itegeko rya Perezida Vladimir Putin, ivyo uyu yiyamiriza.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abanywanyi ba Alexei Navalny bavuga ko yahawe isumu kw'itegeko rya Perezida Vladimir Putin, ivyo uyu yiyamiriza.

Wa murusiya atavuga rumwe n'ubutegetsi Alexei Navalny yavuye muri koma yinjiyemwo ku bivugwa ko yahawe isumu, nk'uko bitangazwa n'abarongoye ibitaro ariko aravurirwamwo mu gisagara ca Berlin mu Budagi.

Umuganga avuga ko ashobora kuvuga. Bwana Navalny yasimbanywe mu Budagi mu kwa munani inyuma y'aho afatiwe bukwi na bukwi ari mu ndege muri Siberia.

Abanywanyi biwe bavuga ko yahawe isumu kw'itegeko rya Perezida Vladimir Putin, ivyo uyu yiyamiriza.

Abaganga bo mu Budagi bamenyesha ko uyu munyapolitike yahawe isumu yo mu bwoko bwa Novichok.

Kuri uyu wa mbere, abarongoye ibitaro basohoye itangazo aho bamenyesha ko Bwana Navalny ariko arakurwako bukebuke ivyuma bimufasha guhema.

Abarongoye ibitaro bavuga ko hakiri kare kumenya inkurikizi z'iyi sumu muri kazoza.

Umushikiranganji wa mbere w'Ubudagi, Angela Markel, yavuze mu ndwi iheze ko Bwana Navalny yahatswe kugandagurwa, asaba amakungu ko asaba Uburusiya gutanga insiguro.

Hagati aho, umuvugizi w'ubushikiranganji bw'imigenderanire w'Uburusiya, Maria Zakharova, avuga ko ibivugwa ko yahawe isumu yo mu bwoko bwa Novichok ata vyemezo bifise.

Mu 2018, iyi sumu ya Novichok yarakoreshejwe mu gushaka kwica uwahoze akora mu biro vy'igendereza vy'Uburusiya Sergei Skripal, n'umukobwa wiwe.

Bwana Navalny amaze igihe ahagarariye imyiyerekano mu gihugu cose yo kwiyamiriza abategetsi b'Uburusiya.

Avuga ko umugambwe wa Perezida ari umugambwe "w'abambuzi n'ibisuma" uriko "uranunuza amaraso y'abarusiya".