Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Venezuela: Perezida Maduro atangaza ko iki gihugu cafashe maneko wa Amerika
Umukuru w'igihugu ca Venezuela, Nicolas Maduro avuga ko "maneko wa Amerika" yafatiwe hafi y'inganda zibiri zihingura igitoro muri ico gihugu co muri Amerika y'Epfo.
Mw'ijambo yashikirije, Bwana Maduro avuga ko uyo mugabo yafatanywe ibirwanisho n'amafaranga menshi hirya y'ejo ku wa kane.
Avuga ko uyu mugabo yari asanzwe "akorera ingabo za Amerika zikorera ku kirindiro ca CIA muri Iraki", ariko akaba ata zindi nsiguro yatanze.
Gushika ubu Amerika ntaco irashikiriza.
Ibi bibaye inyuma y'aho mu kwezi guheze, sentare yo muri ico gihugu iciriye umunyororo w'imyaka 20 Abanyamerika babiri bahoze ari abasirikare bagirizwa ko bariko bategura gutembagaza ubutegetsi bwa Perezida Maduro.
Luke Denman na Airan Berry baragiriwe n'ivyaha vyo gutegura guhungabanya ubutegetsi bw'igihugu, kudandaza ibirwanisho mu buryo bwa magendo hamwe n'iterabwoba.
Aba babiri bari mu bantu 13 bahagaritswe mu kwa gatanu mu gihe bariko bagerageza kwinjira muri Venezuela binjiriye mu gihugu ca Colombia gihana urubibe n'iki gihugu.
Perezida Donald Trump wa Amerika, asanzwe azwi ko yanka urunuka Perezida Maduro arahakana ibirego vya Venezuela kuri abo banyamerika.
Kuva mu ntango z'umwaka wa 2019, Leta Zunze Ubumwe za Amerika zisanzwe zishigikiye umunyapolitike atavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Bwana Maduro, Juan Guaidó.
Uyu yitangaje ko ari we mukuru w'ico gihugu, aca yemerwa n'ibihugu 50 na Leta Zunze Ubumwe zirimwo, ariko gushika ubu akaba yarananiwe.
Imigenderanire hagati ya Amerika na Venezuela ni mibi cane.
Bwana Maduro yagiriza Amerika ko iriko ikoresha abatavuga rumwe n'ubutegetsi bwiwe kugira ngo bamutembagaze maze bashobore kwiba ata camira igitoro ca Venezuela gisanzwe ari cinshi.
Ubutunzi bwa Venezuela bugeze ahatemba, Amerika hamwe na Bwana Guaidó bakagiriza Perezida Maduro ko ari we yatumye ivyo vyose biba.