DRC: ONU isaba amatohoza kw’iterabwoba ryo kwicwa rikorerwa Denis Mukwege

Ahavuye isanamu, EPA
Michelle Bachelet, umunyamabanga mukuru w'igisata kijejwe agateka ka zina muntu mw'ishiramahwe ONU, asaba Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo gukora amatohoza kw'iterabwoba ryo kwicwa rikorerwa Denis Mukwege.
Uyu muganga yahawe agashimwe k'amahoro kitiriwe Nobel avuga ko yaronse amajambo amubwira ko ashobora kwicwa inyuma y'aho yiyamirije igandagurwa ry'abantu 18 mu ntara ya Kivu y'Ubumanuko mu kwezi guheze.
Umupfasoni Bachelet asaba ko haba amatohoza ataho yegamiye kuri iryo terabwoba.
Umukuru w'igihugu Felix Tshisekedi yariyemeje ko leta izokora amatohoza kuri iryo terabwoba kandi yiyemeza gukingira umutekano wa Muganga Mukwege.
Muganga Mukwege ni umuhinga mu bijanye n'ubuzima bw'irondoka ku bagore (gynécologue), akaba afise ivuriro mu ntara ya Kivu y'Ubumanuko.
Yaronkejwe agashimwe k'amahoro kitiriwe Nobel mu 2018 ku gikorwa ciwe co kwitaho abakorewe ihohotera rishingiye ku gitsina mu gihe c'intambara.






