Dr Denis Mukwege afise amakenga ko amatora 'ashobora gukwega intambara' muri Congo

Dr Mukwege aherutse kuronka agashimwe kitiriwe Nobel afise amakenga ko amatora yo muri RD Congo ashobora gukwega intambara

Ahavuye isanamu, Inpho

Insiguro y'isanamu, Dr Mukwege aherutse kuronka agashimwe kitiriwe Nobel afise amakenga ko amatora yo muri RD Congo ashobora gukwega intambara

Reuters yandika ko uwuherutse kuronka agashimwe kitiriwe Nobel, Dr Denis Mukwege, yavuze ko intambara izaduka inyuma y'amatora ategekanijwe muri uku kwezi muri RD Congo mu gihe atoba mu muco kandi ataho yegamiye.

Uwo muganga avura abapfasoni, afashanije n'abo bakorana yafashije abapfasoni ibihumbi n'ibihumbi bafashwe ku nguvu, bivugwa ko yateye ako kamo agabisha igihe yariko arakira agashimwe kiwe kitiriwe Nobel ku musi wa mbere.

Reuters isubiramwo ivyo yavugiye i Oslo muri Norvège, aho yagize ati: "Ndatewe umutima uhagaze n'uko aya matora atazoba mu muco, mu mahoro kandi ataho yegamiye, kandi ko hari amanyanga menshi... abashigikiye uwuzoba yatsinzwe ntibazemera ibiyavuyemwo."

Dr Denis Mukwege na Nadia Murad batsindiye agashimwe Nobel k'amahoro kubera ibikorwa vyabo vyo kurwanya ihohoterwa ry'abagore mu ntambara

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Dr Denis Mukwege na Nadia Murad batsindiye agashimwe Nobel k'amahoro kubera ibikorwa vyabo vyo kurwanya ihohoterwa ry'abagore mu ntambara

Reuters yasubiyemwo Dr Mukwege avuga ko ubwicanyi buri mu buseruko bwa RD Congo, hamwe n'abategetsi bajejwe amatora bafise ingorane yo kuyategurira ku gihe, "kuri we vyerekana ko hariko harategurwa kunyikiza abantu, kandi ko intambara ku banyagihugu iriko irategurwa."

Umunye Congo Dr Mukwege n'umunye Irak aharanira uburenganzira bw'aba Yazidi, Nadia Murad, ni bo bahawe agashimwe kitiriwe Nobel k'uyu mwaka ku twigoro twabo two gutuza ifatwa ku nguvu ry'abapfasoni bikoreshwa nk'ikigwanisho mu ntambara.