Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abakoresha imbuga hwaniro muri Afrika batera intege isekeza #ZimbabweanLivesMatter
Abakoresha imbuga hwaniro ku mugabane wa Afrika batera intege isekeza #ZimbabweanLivesMatter rigamije kwiyamiriza itotezwa ry'abatavuga rumwe na leta hamwe n'abanyamakuru ba Zimbabwe rikorwa n'igisirikare.
Basaba leta ya Zimbabwe kwubahiriza uburenganzira bw'abari mu myiyerekano biyamiriza ivyo bita ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu n'igiturire.
Ishirahamwe ry'abashingwamanza biyemeje guharanira agateka ka muntu, Zimbabwe Lawyers for Human Rights, rivuga ko abantu barenga 60 bamaze guhagarikwa.
Perezida Emmerson Mnangagwa wewe avuga ko azobandanya arwanya abo bose bashaka guhungabanya umutekano, yagiriza ko bakorana n'abanyamahanga.
Isekeza #ZimbabweanLivesMatter ryatanguriye muri Zimbabwe inyuma y'aho abaharanira agateka ka zina muntu batangiye amakuru y'ingene bafashwe bagapfungwa.
Abenshi mu bakoresha imbuga hwaniro basaba leta ya Bwana Mnangagwa kuvugana n'abayinegura aho kubapfunga.
Julius Malema, umwe mu batavuga rumwe na leta azwi cane muri Afrika y'Epfo, nawe nyeye yifatanije n'abandi muri iryo sekeza.
Mu ndwi iheze, umwanditsi rurangiranwa, Tsitsi Dangarembga, yarahagaritswe aho yamaze ijoro mu gasho k'igipolisi imbere y'uko arekurwa vy'agateganyo atanze ingwati.
Haraciye kandi indwi zirenga zibiri, Hopewell Chin'ono, umumenyeshamakuru w'umushakashatsi apfunzwe yagirizwa guhimiriza abantu kuja mu myiyerekano itemewe n'amategeko ariko yaburijwemwo.
Uwundi mumenyeshamakuru w'umushakashatsi, Mdudzuzi Mathuthu, yamenyekanye cane inyuma y'aho yerekaniye ibiturire vyaranze igurwa ry'imiti n'ibikoresho vyo kurwanya coronavirus, ari mu kinyegero.
Umukuru w'igihugu ca Zimbabwe yiyemeje 'kurwanya imbuto mbi'
Mw'ijambo ashikirije mu mwanya uheze kuri televiziyo y'ico gihugu, umukuru w'ico gihugu Emmerson Mnangagwa, aragabisha bikomeye abatavuga rumwe n'ubutegetsi ndetse n'abaharanira agateka ka zina muntu mu gihe imvururu zibandanya ziyongera kubera igiturire n'isesagurwa ry'amatungo ya leta.
Mw'iryo jambo, Perezida Mnangagwa yiyamirije ivyo yita "amanyanga afise intumbero yo gusambura, hamwe n'amashirahamwe y'iterabwoba atavuga rumwe n'ubutegetsi".
Ati: "Abo bose bashira imbere urwanko n'ugucanishamwo abanyagihugu ntibazigera baduterana intambwe. Imbuto mbi zibandanya zigerageza gucanishamwo abanyagihugu bacu no guca intege ubutegetsi bwacu tuzozirwanya. Ineza izokwama itsinda inabi".
Mw'ijambo ryiwe, Perezida Mnangagwa yavuze ati: "Inzego z'umutekano zizobandanya igikorwa cazo mu bwitonzi ntangere n'ishaka ryose".
Umugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi MDC Alliance, uvuga ko abarongozi bawo batari bake bahagaritswe abandi nabo bakaba bari mu kinyegero.
Umuvugizi wawo Tendai Biti avuga ko iyo ingabo za leta zidashoboye gufata uwo zipfuza baca babomora amazu yabo canke bagahagarika ababo.