Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uganda: Umunywanyi wa Bobi Wine yishwe agonzwe mu rugendo rwo kumuherekeza avuye mu kiganiro
Igipolisi ca Uganda kiriko kirakora amatohoza ku rupfu rw'umunywanyi w'umuririmvyi yabaye umunyapolitike, umushingamateka Robert Kyagulanyi azwi kw'izina rya Bobi Wine.
Igipolisi kivuga ko Charles Mutyabule yapfuye igihe ipikipiki yariko yasekana n'imodoka ikiriko iraronderwa ahitwa Mabira kw'ibarabara rya Jinja-Kampala.
Bobi Wine avuga ko igihe yari avuye mu kiganiro kw'iradiyo imwe mukarere ka Jinja abapolisi bashatse kwirukana abanywanyi biwe bari bamutegereye.
Uyu munyapolitike atavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Perezida Yoweri Museveni sibwo bwa mbere ahangana n'inzego zijejwe umutekano.
Aciye ku rubuga rwiwe rwa Twitter ejo ku wa gatandatu ku mugoroba, Bobi Wine yanditse ati: "Mu gitondo c'uno munsi, igihe nariko mva kw'iradiyo i Jinja, igipolisi n'igisirikare vyateje imidugararo ku banyagihugu bari bitekaniye barindiriye kundamutsa".
"Umwe mu banywanyi banje bakomeye, Charles Mutyabule, yagonzwe n'imodoka y'igisirikare bene umurango barorera".
Hagati aho, igipolisi kimenyesha ko Mutyabula yagonzwe n'imodoka yari kumwe n'uyo mushingamateka, akaba yapfiriye mu bitaro aho yari yasimbanywe, nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru Daily Monitor gisubiramwo amajambo yavuzwe n'umuvugizi w'igipolisi.
Mu ndwi mpera z'indwi iheze, hari amakuru yanditswe n'ikinyamakuru East African kivuga ko uyo mu nyepolitike ahanganye na Perezida Museveni yari yitavye ikiganiro kuri radio NBS FM habaye ukugerageza kumusohora ku nguvu.
Ayo makuru avuga ko inyuma y'uko cimiwe uruhusha rwo kwinjira muri studio kumusohora, cagerageje kwinjira ku nguvu ariko biranka.
Uwurongoye iyi radio, Michael Muwanguzi, yabwiye ikinyamakuru Daily Monitor ko abapolisi benshi bari bakikuje iradiyo imbere y'uko Bobi Wine ashika.
Bwana Muwanguzi yabwiye ico kinyamakuru ati: "Abapolisi barinjiye mu cumba c'amakuru barabandanya gushika muri studio yarimwo umushingamateka Kyagulanyi ariko kubera ko umuryango wugaye neza ntibashoboye kumushikira ".
Aya makuru arahakanwa n'umuvugizi w'igipolisi, Fred Enanga, akavuga ko ahubwo abapolisi bari barungitswe hanze kugira ngo bashobore gukingira umutekano w'uyo mucuraranzi.
Yabwiye Daily Monitor ati: "Abantu bacu ntibinjiye mu nyubakwa z'iradiyo, bagumye hanze. Urashaka ubaze abarongoye iyo radio. Kubera ko hari abagizi ba nabi bari bakikuje iradiyo, twashaka gusa gukora ibishoboka vyose kugira Bobi Wine asubire i Kampala ata kirwi c'abantu kiri inyuma yiwe".
Bobi Wine ni umwe mu banyapolitike bahanganye cane bikomeye na Perezida yoweri Museveni, aho yivugira ko yiteguye kumutsinda mu matora,. Ibitazomworohera mu gihe abanywanyi biwe bama bahanganye n'abajejwe umutekano.
Mu kwezi kwa mbere uno mwaka, yarahagaritswe igiye yagomba akoreshe ikoraniro mu ntumbero yo gushikiriza imigabo n'imigambi yiwe mu matora ategekanijwe mu 2021.
Muri kahise, amatora yo muri Uganda yamye abonekamwo imigumuko n'igipolisi kigapfunga abantu, harimwo n'abanyepolitike.
Umukuru w'ico gihugu Yoweri Museveni ari ku butegetsi kuva imyaka 34 irangiye akaba ategekanya gusubira kwitoreza ikindi kiringo.