Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
USA: Ibiciro vy’igitoro vyakorotse ku buryo butari bwaboneke mu mateka yaho
Igiciro c'ibitoro muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika cakorotse cane ku buryo butari bwaboneke mu mateka y'ico gihugu.
Ivyo bituma abahingura ico gitoro biba ngombwa ko babanza kuriha abakirangura kugira ngo bakibakureko, ku gutinya ko mu kwa gatanu bashobora kubura n'aho bagishira.
Abagura igitoro baragabanutse rwose mu gihe ingingo zo kuguma murugo ahatandukanye kw'isi yose zatumye abantu baguma biyugaranye.
Vyatumye amahinguriro y'igitoro akodesha amatanki kugira ngo bashobore kubika ibitoro vy'umurengera, ibiciro mu gihugu cose bikoroka.
Igiciro c'akagunguru muri West Texas Intermediate (WTI), ishingiro ry'igitoro ca Amerika, caramanutse kija musi y'amadorari 37.63 ku kagunguru.
Stewart Glickman, umushakashatsi wo mu kigo ca Amerika Center for Financial Research and Analysis (CEFRA) kijejwe kwihweza ibijanye n'amafaranga avuga ati:
"Ibiriko biraba birarengeye ubwenge. Igabanuka ry'abakiriya ryararengeye ivyo abantu bashobora kuba bari biteze".
Avuga ko mu gihe izi ngingo za Guma murugo zobandanya uko ziri bishobora gutuma ibiciro vy'igitoro no mu kwa gatandatu bibandanya bikoroka.
Ati: "Ni ukuri nta cizere mfise ko ibintu bishobora kworoha ku makompanyi adandaza igitoro canke ku biciro vyaco".
Igisata c'igitoro kiri mu ngorane z'uko abagishaka bagabanutse kubera coronavirus hamwe n'ukutumvikana hagati y'ibihugu bisanzwe bicimbura.
Mu ntango za kuno kwezi, ishirahamwe OPEP/ OPEC rihuza ibihugu vyimbura igitoro hamwe n'ibihugu bicuditse vyarahavuye birashika ku masezerano yo kugabanya urugero rw'igitoro cimburwa gushika hafi 10%.
Muri ayo masezerano bumvikanye ko urugero rw'igitoro cimburwa rugabanywa ku buryo butari bwigere bubaho.
Hagati aho, abahinga babona ko iryo gabanywa ata kintu kinini rizohindura.
Stephen Innes ajejwe ubudandaji mu kigo Axicorp avuga ati:
"Ntivyafashe umwanya muremure kugira ngo abadandaza igitoro babone ko amasezerano yashitsweko na OPEP/ OPEC - uravye ingene ameze ubu - atazoshobora gutuma isoko y'igitoro isubira ku murongo".
Ku bashoferi ba Amerika, ikoroka ry'ibiciro vy'igitoro - vyamanutse hafi ku bice 2/3 kuva mu ntango z'uyu mwaka - ryaragize ingaruka ku giciro co kw'ipompo, n'aho ejo ku wa mbere bitakorotse uko vyari vyitezwe.
Glickman ati: "Ikiriho ni uko, n'aho woba ukeneye kuja mw'ibarabara kubera imvo iyi canke iriya, ukenera igitoro gike cane gusumba uko vyari bimeze mu mezi ane aheze".
"Ingorane nyamukuru kuri benshi muri twebwe ni uko n'aho wocuzuza, uzoja he?".
Perezida Donald Trump wa Amerika avuga ko leta ishobora kugura igitoro gihingurwa muri ico gihugu.
Ariko amakenga ahari ni uko ububiko bwaco bushobora kurengerwa, mu gihe ububiko bw'ikompanyi Cushing, ikompanyi nkuru itanga igitoro muri Amerika, bwarengewe gushika ku bice 50% kuva mu kwa gatatu, nk'uko bivugwa n'ibanki ANZ.