Coronavirus: Uganda iriko irondera umutanzania yanduye kugira imusubize iwabo

Ubushikiranganji bw'amagara yu'abantu bwa Uganda bumenyesha ko buriko burarondera umutanzania yanduye coronavirus kugira ngo bumusubize mu gihugu ciwe.

Uyo mugabo w'imyaka 34, asanzwe ari umushoferi w'amakamyo, akaba yinjiye muri ico gihugu kuwa 16 z'uku kwa kane, yinjirira ku mupaka wa Mutukula avuye i Dar es Salaam.

Nk'uko bimenyeshwa n'ubwo bushikiranganji, uyo mugabo ntiyashotse yerekana ibimenyesto vya Covid-19.

Ingingo ya Uganda yo gusubiza iwabo abanyamahanga banduye umugeracoronavirus yateye impanri nyinshi ku mbuga hwaniro zitandukanye, haba mu gihugu canke no hanze.

Ku munsi wa kane, umushikiranganji w'amagara y'abantu Ruth Jane Aceng yamenyesheje ko ibihugu bihurikiye mu muryango wa Afrika y'Ubuseruko vyumvikanye ko umuntu uwo ari we wese wo muri ivyo bihugu azopimwa agasanga yaranduye coronavirus ko azoca asubizwa iwabo kugira ngo avurirweyo.

Avuga ko buri munsi Uganda yakira abashoferi b'amakamyo bashika 3000 bava mu bihugu vy'akarere ka Afrika y'Ubuseruko, ko rero ata bushobozi ifise bwo kubavura.

Ejo ku wa gatanu, Uganda yatangaje ko mu badereva b'amakamyo bashika 774 bafashwe ibipimo ku mipaka imbere y'uko binjira mu gihugu hari umwe bahavuye basanga yaranduye.

Gushika ubu, Uganda ifise abantu 55 bamaze kwemezwa ko banduye Covid-19.

Mu ntango z'ino ndwi, umukuru w'ico gihugu, Yoweri Museveni, yarongereje ikiringo ca Gumamurugo gushika ku minsi 21 anavuga ko n'izindi ngingo zose zafashwe imbere y'iyo ngingo zizobandanya uko bisanzwe.

Muri zo harimwo kubuza amakoraniro, kwugara amasengero hamwe n'ibigo vy'amashure.

Abemerewe gukora akazi bonyene ni abo mu gisata c'amagara y'abantu, abajejwe umutekano, abakozi b'amabanki hamwe n'abamenyeshamakuru.

Amamodoka yunguruza abantu yarahagaritswe, co kimwe n'indege zitwara ingenzi.

Amamodoka atwara imizigo n'indege nazo nyene zitwara imizigo nivyo vyemerewe kubandanya bikora. Hagati aho, abadereva hamwe n'abandi bakozi bo muri izo ndege bategerezwa gushirwa mu bibanza vya leta vyateguwe gushirwamwo abiketswe ko banduye.