Coronavirus: Muri Kenya abikekwa ko Covid-19 bashatse gutoroka ikigo bashizwemwo

Abanyakenya baharurwa muri mirongo basanzwe bashizwe mu kigo categuriwe abikeketswe ko banduye coronavirus i Nairobi ejo baragerageje gusohoka ku nguvu, bakavuga ko babayeho nabi cane.

Umushikiranganji w'amagara y'abantu avuga ko abantu 225 mu gihugu cose bamaze kwandura uwo mugera, kandi ko abantu bose binjiye mu gihugu imbibe zitarugarwa bashizwe ukwabo mu ntumbero yo guhagarika ikwirakwira ryawo.

Hagati aho, abenshi muri bo babwiye BBC ko babayeho mu gahinda katagira izina kubera ingingo leta iherutse gufata yo kwongereza ikiringo co kuguma muri ico kigo.

Bagiriza leta ko ari nk'uko yabashize mu gasho, aho n'ibibabeshaho bitanakwiye.

Simon Mugambi asanzwe ari mu kigo kiri ku bitaro vy'ishure kaminuza ry'ubuganga Kenyatta University yabwiye abanyamakuru ati:

"Kuva ubu ntidukeneye gusubira muri ico kigo. Ubwa mbere kubera tutagishoboye kuriha, ubwa kabiri kubera ko bitumvikana igituma tubandanya tuba muri kino kigo".

"Ingorane ni uko babandanya batwugaranye kandi ku ncuro zibiri zose ibipimo vyerekana ko ata mugera twanduye. Leta ibandanya ivuga ko ari twebwe dutegerezwa kwirihira mu gihe ata buryo dusigaranye".

Uwuvugira abo bantu yamenyekanye kw'izina rya Tanui, yongerako ati:

"Twarakurikije neza ingingo ya leta yo kuguma kwugaranywe mu kiringo c'iminsi 14, uno munsi tugeze ku munsi wa 23 tuba muri kino kigo.

"Tumaze gupimwa incuro zibiri bikaboneka ko tutanduye, twategerezwa kurekurwa ubwo nyene tukaja mu miryango yacu. Ntidutahura ikindi leta idushakako n'igituma dutegekwa kuguma twugaraniwe hano".

Umushikiranganji w'amagara y'abantu, Dr. Evanson Kimuri, arahakana ibiregwa leta ko ibafata nabi muri ico kigo.

Ati: "Bariko barifata nabi cane mbere n'imbere y'abakozi; mbere na bamwe mu bakozi banje hariho abambwiye ko bakubaguwe…

"Ico nomenyesha ni uko aba bakozi bakorera harya bemeye gutanga ubuzima bwabo, ico mwokora nk'Abakenya ni uko mwobashigikira gusa, mukabubahiriza mu kazi kabo".

Abapolisi bo mu gisata kijejwe kurwanya imigumuko barungitswe kuri ico kigo nibo bashoboye kwinjiza abo bantu.