Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Misiri: Umugabo wari wasanzwemo coronavirus 'ntayo akirwaye'
Ishami ry'umuryango w'abibumbye ryita ku buzima (OMS/WHO) rivuga ko umuntu wasanganwe coronavirus mu Misiri kuri ubu ntayo agifite.
Tarik Jašarević, umuvugizi wa OMS, yavuze ko uwo mugabo ari hafi koroherwa ariko ko azagumishwa mu kato kugeza igihe cy'iminsi 14 kirangiye ndetse nyuma agakorerwa ibindi bizamini ngo harebwe niba yarakize neza.
Mu cyumweru gishize, minisiteri y'ubuzima mu Misiri yavuze ko uwo muntu ari umunyamahanga, ariko ntiyavuga igihugu akomokamo.
Ni we wari wabaye umuntu wa mbere wemejwe muri Afurika ko arwaye ubu bwoko bushya bwa coronavirus buzwi nka Covid-19.