Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kidum ati: 'Ingingo yo kutazosubira kuririmbira mu Burundi nayivuyeko'
Umuririmvyi rurangiranwa w'umurundi akorera muri Kenya, Jean Pierre Nimbona, azwi cane nka Kidum avuga ko ari mu kuja mu Burundi ubu vuba nyuma yo guhindura icemezo yari yafashe.
Mu mpera z'umwaka uheze Kidum yasohoye ubutumwa bugaragaramwo umubabaro, aho yavuze ko atazosubira kuja kuririmbira mu Burundi no mu Rwanda.
Iyo ngingo ntiyaguye neza benshi cane cane mu bakunzi b'umuziki wiwe, kuko bavuga ko bahomvye ibiteramo bari bamenyereye ko abategurira.
Ariko ubu Kidum, mu bundi butumwa yashize ku mbuga hwaniro yavuze ko u Burundi ari umuvyeyi wiwe kandi ko atorota abuheba.
Ubu rero yabwiye BBC Gahuzamiryango ko mu minsi iri imbere agire aje mu Burundi "mu rugendo rw'akakazi".
BBC yabajije Kidum ikintu nyamukuru catumye afata ingingo ubwa mbere yo kudasubira kuririmbira mu Burundi no mu Rwanda.
Uwo muririmvyi w'indirimbo yakunzwe cane "Yaramenje" yagize ati: "Kubera muri ivyo bihugu iyo ndahagiye benshi mu banyagihugu basanzwe baratwawe umutima n'ivya politike, babirimwo cane.
"Bama bakora uko bashoboye kugira ngo ingendo zanje zerekeye ivy'imiziki bazihe intumbero y'ivya politike kandi babizi ko atari vyo ndimwo"
Kidum yongeye ko ati: "Ni jewe gusa bama bashaka gukwegera mu vya politike, abandi bose babijamwo bakanivuga yuko babirimwo, bo ntibababona kiretse jewe."
Uwo muririmvyi avuga ko ku bw'iyo mvo yahisemwo kuba "arakinjura" gato kugira yihe amahoro.
Guhindura icemezo
Kidum avuga ko afashe ingingo yo gusubira mu Burundi kuko abona ko igihe cari kigeze.
Yagize ati: "Ugukinjura kwanje kirya gihe ni uko hari habaye urukurikirane rw'ibintu kuri jewe kubera gusa nkora akazi kanje ko kuririmba.
"Kuva muri 2016 mu kwezi kw'icenda nararwanijwe n'abantu banziza gusa ko nagiye i Bujumbura gukorayo concert, 2017 ngiye i Kigali abarundi bari mu batavuga rumwe na Bujumbura ntako batakoze ngo banyankanishe n'abajejwe intwaro muri ico gihugu c'u Rwanda.
"Rero bigeze aho naciye mvuga nti uwufise umutwe muto awurinda uruguma. Kubera kwiyobagiza akazi kanje mu kunyitiranya n'abo bahanganye mu vya politike naciye nkinjura."
Kidum avuga rero ko ubu abona umwuka ari mwiza, akavuga ko hari hageze ko ahindura ingingo yafashe yo kudasubira mu Burundi.
Yavuze kandi ko no mu Rwanda umwanya niwagera azojayo, akaba naho nyene ahafise abakunzi batari bake.
Kubuzwa kuririmba mu Rwanda
Mu kwezi kw'icenda umwaka uheze, Kidum yategerezwa kuririmba mu giteramo Kigali Jazz Junction itariki 27/09/2019 ariko aca amenyeshwa n'abagiteguye ko atemerewe kuririmba.
Ico gihe Kidum yabwiye BBC ko yabwiwe n'abateguye ico giteramo ko ubuyobozi bw'umji wa Kigali ari bwo bwababwirije kumukura ku rutonde rw'abaririmba, ariko ubwo buyobozi bwarabihakanye.
Kidum yavuze ko yumvise bivugwa ko kubuzwa kuririmba vyoba vyari bifise imvo za politike, kubera umubano mubi uri hagati y'u Rwanda n'u Burundi.
Buri ci vyari bimenyerewe ko Kidum aremesha ibiteramo mu Rwanda no mu Burundi, guhagarika kuja muri ivyo bihugu bikaba vyari vyababaje benshi mu bakunda umuziki wiwe.
Kuba ahinduye icemezo akavuga ko agiye kuja mu Burundi, ni ingingo ishobora kugwa neza abakunda umuziki muri rusangi n'abakunda umuziki wiwe ku buryo bwihariye.