Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amakenga ajanye n'ubuhinga bwo kwigiza inyuma guca imvyaro (menopause)
- Umwanditsi, Inkuru ya Charlotte Hayward
- Igikorwa, Ajejwe ibijanye n'amagara y'abantu
Abahinga bakomeje kwerekana amakenga, ajanye n'ubuhinga bushasha bwo kuvura, bwemeza ko bishoboka kwigiza inyuma guca imvyaro ku bakenyezi canke menopause, gushika ku myaka irenga 10.
Abakenyezi bamwe baramaze kuriha amafranga angana hafi ibihumbi 6 vy'amapoundi yo kwivuza muri ubwo buryo.
Umwigisha wo muri Kaminuza Simon Fishel, arongoye umugwi w'abaganga ujejwe ubuhinga bwo guhuza intanga y'umugabo n'igi ry'umugore bibereye hanze y'igitereko bita IVF, avuga ko uyo mugambi utuma amahirwe yo kuronka ikibondo mu buzima bw'abakenyezi, yiyongera.
Utuma kandi ibibazo bishikira amagara bivuye ku guca imvyaro - nk'indwara ziva ku mero y'umutima n'amagufa adakomeye - zigwanywa.
Ubuhinga
Ubwo buhinga burimwo kubaga agace gatoyi k'akagi kamwe kari mu gitereko - kagizwe n'agace gatoyi cane, kandi gakanyishwa ahakanye cane.
Dushobora gukanyishwa cane, mu nyuma tugaterwa mu mubiri.
Inkuru zitangwa n'abaganga bigenga bakora ubwo buvuzi zivuga ko iyo umukenyezi akeneye ko bamubaga kugira ako kagi gasubire mu mubiri, ashobore kuronka ikibondo, gashobora gusubizwa mu karingoti kajamwo igi mu gitereko, igihe kigeze.
Iyo intumbero yiwe ari ukwigiza inyuma guca imvyaro, kugira bishoboke ngo gashobora gushirwa mu kibanza kirimwo amaraso akwiye gashobora gukenera - akenshi ni mu kwaha.
Uko ukurayo ako kagi hakiri kare, biciye ku bikorwa vyo kwa muganga, nk'uko Fishel abivuga, niko gashobora kugira akamaro cane - kandi niko haba n'imisemburo myinshi.
Ariko gushika ubu abakenyezi 11 gusa nibo bamaze kuvugwa biciye muri ubu buryo.
Muganga Fishel aremera ko ubu buhinga bukiriko burageragezwa uko buri bwose, ariko ko ibice bimwe bimwe vyabwo bitariko birigwa.
Ubundi buhinga bwo kuvura bwashoboye gukoreshwa n'abaganga mu gufasha abakanyezi ngo amagi yo mu gitereko yabo ntareke gukora kubera kuvurwa ingwara ya kanseri.
Ubu rero hariho amakuru akwiye yerekana ko uburyo bwo kuvura nk'ubu budafise ingaruka mbi.
''Nta vyemezo''
Ariko Muganga Melanie Davies ajejwe kubungabunga umugambi wo kurondoka mu Bwongereza, aragabisha abakenyezi bafise amagara meza, ko kugenda kwibagisha mugihe bidakenewe, mu ntumbero yo kwizera kugumana ubushobozi bwo kurondoka muri kazoza, no gusubiriza imisemburo.
Avuga ati: ''Turazi ko gusubizaho ubushobozi bwo kurondoka bishoboka, mu rugero rw'abakenyezi bagwaye indwara ya kanseri''.
''Ariko, nta mukenyezi n'umwe arahura n'iki kibazo gushika ubu, kandi nta vyemezo ko aho hantu babaze hazoguma hameze neza gushika ku myaka irenga 10. Rero bizofasha gakeyi cane gusubiriza imisemburo.
''Ugusubiriza imisemburo bisanzwe biriho kwa muganga, birakorerwa ubushakashatsi cane, kandi biri henshi kugira abakenyezi bemere gutora gufata iyo misemburo''.
Muganga Davies, umukuru w'umugwi w'ubuhanuzi bujejwe imiti ijanye no guca imvyaro mu Bwongereza, avuga ko ingaruka zijanye no gushobora gukura akagi, n'ivyo kabitswemwo mu kibanza cako, mu ntumbero yo kudukoresha haheze igihe kinini, harimwo ukurondoka, bisaba ukundi gusuzumwa
Kuvura ukutavyara bitumwe n'imyaka myinshi
Si abakenyezi bose bakeneye imiti igabanya ibimenyetso vyo guca imvyaro, ariko hari inzira zitandukanye zishoboka.
Ukuvyivuza neza ni ugusubiriza imisemburo, bigabanya ibimenyetso vyinshi bifitaniye isano, na cane cane ubushuhe mw'ijoro, n'ukugira utuvyimbe mu maso - naho bitohanurwa kuri bamwe.
Izindi ntambwe zishobora gukoreshwa ni izi:
- Gufata ibifungurwa bigereranye, birimwo ingaburo nke zivyibusha kandi zirimwo ivyunyunyu vyinshi, bikomeza amagufa bigakingira n'umutima.
- Kugira imyimenyerezo kenshi na kenshi, kugabanya ishavu n'uguhahamuka hamwe n'ingwara y'umutima
- Guhagarika kunywa itabi, gukinga ingwara y'umutima hamwe n'utuvyimbe ku mubiri.
- Kutanywa inzoga nyinshi, no kugabanya utuvyimbe turi mu maso.