Nyuma y'amasengesho na CNDD FDD Ntamwana agira ati "n'ubu ntawurekuriwe kutugira abaja"

Musenyero Simoni Ntamwana mu misa muri komine Shombo itariki 15/03/2015

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Musenyeri Ntamwana avuga ko ishengero Gatolika rimaze kwitegurira kurorerera amatora yo mu kwezi kwa gatanu

Umukuru wa diyoseze nkuru ya Gitega, umurwa mukuru wa politike w'u Burundi, Musenyeri Simon Ntamwana, avuga ko n'ubu agihagaze ku vyo yavuze mu 2015, yuko "ata n'umwe ashobora kugira abarundi abaja".

Mu 2015 igihe vyari bishushe abatavuga rumwe n'umugambwe CNDD FDD bavuga ko uwo mugambwe utohirahira ngo ugene Pierre Nkurunziza nk'umukandida, Musenyeri Ntamwana nawe yagiye mu bavyiyamiriza.

Ariko ubu avuga ko ibintu bimeze neza, mbere akanashima ko bamutumiye muri ibi bisabisho vy'i Gitega.

Ico gihe mu 2015, Musenyeri Ntamwana yavuze ko mu gihe CNDD FDD yogena umuntu atemerewe kwitoza, kwoba ari nko kugira abantu abaja, ati rero "ntituri abaja b'umuntu uwo ari we wese".

Ayo majambo "ntituri abaja" canke "sindumuja", yaciye agirwa nk'icivugo c'abatavuga rumwe na CNDD FDD mu myiyerekano yakurikiye.

"Sindumuja" kandi vyaranakoreshejwe n'abashigikiye CNDD FDD mu kuvuga uwo wese adashima intwaro yabo.

Kuva ico gihe mbere, imigenderanire hagati y'umugambwe CNDD FDD n'ishengero Gatolika yaseye nk'iyitosekaye, Gatolika mbere ica yikura mu ndorerezi z'amatora yakurikiye mu kwezi kw'indwi 2015, yaje gutsindwa na Prezida Pierre Nkurunziza.

Abanyacubahiro bitavye ikoraniro ridasanzwe rya CNDD FDD mu ntara ya Gitega

Ahavuye isanamu, CNDD FDD

Insiguro y'isanamu, Umugambwe CNDD FDD uri mw'ikoraniro ridasanzwe mu ntara ya Gitega, hakazonatorwa umukandida wo mu matora yimirije

Barasubiye kwunga ubumwe?

Amasanamu yagaragaye hirya no hino ku mbuga hwaniro y'ibikorwa vy'amasengesho yateguwe na CNDD FDD mu ntara ya Gitega, yagaragayemwo Musenyeri Ntamwana arongoye amasengesho anaremesha ikiyago.

Benshi baciye babifata nk'ikimenyetso c'uko uwo mugambwe uri ku butegetsi n'ishengero Gatolika boba "barunze ubumwe".

Aho yavugana na BBC Gahuzamiryango, Musenyeri Ntamwana abajijwe icamujanye muri ico gikorane yagize ati: "Ntabwo jewe nagiye ngo niyunge n'uwo mugambwe kuko nta mugambwe n'umwe ndimwo, nta mugambwe n'umwe nshaka kwinjiramwo.

Umunyabanga mukuru wa CNDD FDD (i buryo n'umutambukanyi wiwe) Evariste Ndayishimiye mu nama idasanzwe ya CNDD FDD i Gitega

Ahavuye isanamu, CNDD FDD

Insiguro y'isanamu, Umunyabanga mukuru wa CNDD FDD (i buryo, n'umutambukanyi wiwe) Evariste Ndayishimiye ari mu bahabwa amahirwe yo guserukira CNDD FDD mu matora y'umukuru w'igihugu 2020

"Umugambwe wanje ni umwe, ni ijambo ry'Imana. Igihe abo bo muri CNDD FDD basavye ngo ndabasigurire ijambo ry'Imana, nk'uko n'abo muri UPRONA bashobora kubinsaba, nk'uko n'abo muri CNL bashobora kubinsaba, mbona yuko aho hose umukristu azonsaba kumusigurira ijambo ry'Imana, nzomwitaba."

BBC yashatse kandi kumenya aho ibintu bigeze ubu nyuma y'ivyo yavuze mu 2015, Musenyeri Ntamwana avuga ko ivyo yavuze n'ubu akivyemeza.

Musenyeri yongeyeko ati: "Nta n'umwe arekuriwe kutugira abaja. Nta n'umwe. Ni ibisanzwe kuko uwo muntu wese yogenda adategera ko yosonera hamwe natwe amateka y'igihugu, amategeko azoba ahari, azoba ariko ararenganya abarundi.

"N'ubundi rero ndabivuga, nta na kimwe kimbuza kwegera abo bavukanyi bitwa CNDD FDD ngo ndabereke yuko ata rwanko jewe mfise mu mutima kuri bo. Ari co gituma rero n'ubu nabagamburukiye nkagenda kubasigurira ijambo ry'Imana."

Umukuru w'inama nshingamateka y'u Burundi (i bubamfu n'umutamukanyi wiwe) Pascal Nyabenda mu nama idasanzwe ya CNDD FDD i Gitega

Ahavuye isanamu, CNDD FDD

Insiguro y'isanamu, Umukuru w'inama nshingamateka y'u Burundi (i bubamfu, n'umutamukanyi wiwe) Pascal Nyabenda ari mu bavugwa ko bashobora guserukira CNDD FDD mu mataro y'umukuru w'igihugu yo mu 2020

Musenyeri Simon Ntamwana yanavuze ko amatora yo mu kwezi kwa gatanu ishengero Gatolika rizoyarungikamwo indorerezi.

Yavuze ko ivyo bamaze amezi babishikirije, kandi ko banatanguye kwitegurira kuyakurikirana "mu bituraba".

Umukandida mushasha wa CNDD FDD

Umugambwe CNDD FDD kuva ku wa kane uri mw'ikoraniro ridasanzwe ryatanguriwe n'ibisabisho vy'iminsi itatu bizosozerwa kuwa gatandatu.

Ayo masengesho azoca akurikirwa n'igikorwa kizoba kuwa Mungu itariki 26 z'uku kwezi, co gutora umukandida azoserukira CNDD FDD mu matora y'umukuru w'igihugu yimirije.

Prezida w'u Burundi Pierre Nkurunziza mu gikorane ca CNDD FDD i Gitega

Ahavuye isanamu, CNDD FDD

Insiguro y'isanamu, Prezida Pierre Nkurunziza aramaze kuvuga kenshi ko ikiringo arimwo ubu ari co canyuma

Naho bigoye kumenya uwuzotorwa, hari babiri banugwanugwa ari bo umukuru w'inama nshingamateka, Pascal Nyabenda, n'umunyamabanga mukuru wa CNDD FDD, Evariste Ndayishimiye.

Umukuru w'igihugu c'u Burundi, Pierre Nkurunziza, naho kuri ubu ata tegeko rimubuza gusubira kwitoza, aramaze kuvuga kenshi ko ikiringo arimwo ubu ari co ciwe canyuma.

Ivyo vyasubiye gushimangirwa n'itegeko ryatowe n'inama nshingamateka rimugenera imperekeza ishimishije bikanavugwa ko azonahabwa iteka ryo kwitwa "Umurongozi w'ikirenga" na "Indongozi yo Gukundisha Igihugu".