Kwumvirizwa kwunguruje mw'itohoza kw'iraswa ry'indege ya Habyarimana kwaratanguye i Paris

Abasirikare ba FPR bari hafi y'ibisigarira vy'indege ya Habyarimana

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Indege yari itwaye Habyarimana yarashwe mw'ijoro ryo kw'itariki 06/04/1994

Sentare yunguruza y'i Paris iheruka kwumviriza ibirego vy'abashingwamanza ku matohoza yakozwe kw'ikororwa ry'indege ya Juvenal Habyarimana yahoze ari umukuru w'igihugu c'u Rwanda.

Imiryango y'abaguye muri iyo ndege yari yarunguruje ku cemezo c'abacamanza baburanisha imanza z'iterabwoba co guhagarika uru rubanza, cafashwe mu kwezi kwa 12 mu 2018.

Umushikirizamanza avuga ko hari ivyemezo bikwiye kugira u Bufaransa bwumvirize abantu 9 bari muri Leta ya Perezida Paul Kagame canke bahozeyo.

Abo bantu, avuga ko boburanishwa ku ruhara ababarega babakekako mw'ikororwa ry'iyo ndege.

Philippe Mellac, umushingwamanza yunganira uruhande rw'imiryango y'abaguye muri iyo ndege, yabwiye BBC Gahuzamiryango ko urubanza rwabaye mu mwiherero ku wa gatatu itariki 15/01/2020.

Yavuze ko hari hitavye abashingwamanza b'impande zose, hamwe n'uwuserukira umushikirizamanza mukuru wa Republika i Paris.

Philippe Mellac yavuze kandi ko sentare izogira ico ishikiriza ku vyasabwe italiki 3 z'ukwezi kw'7.

Ku kibazo c'uko habaye uguhagarika amatohoza kubera ata vyemezo bihagije bituma haba urubanza, Philippe Mellac yagize ati: "Iyo bigenze gutyo uruhande rurega rufise uburenganzira bwo kwunguruza, ari co cabaye, kugira sentare yisubireko ku ngingo yayo."

Ababuranira imiryango yaburiye muri iyo ndege basaba kandi ko nimba bishoboka iyo sentare yo mu Bufransa yotegeka ko hazanwa ayandi makuru ajanye n'uru rubanza.

Uwahoze atwara u Rwanda, Juvenal Habyarimana

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Prezida Juvenal Habyarimana yagandaguwe avuye mu nama y'umutekano muri Tanzaniya

Ivyo ngo vyoba sentare ibicishije ku rwego rukurikirana imanza zaciwe na sentare mpuzamakungu yashiriweho u Rwanda (TPIR), rwotanga amakuru amwe amwe yokoreshwa mu Butungane bw'Ubufaransa.

Uwahoze ari umukuru w'igihugu c'u Rwanda, Juvenal Habyarimana, yahitanywe n'indege yarashwe ibisasu iri mu kirere hafi y'ikibuga c'indege ca Kanombe italiki 6 z'ukwezi kwa 4 mu 1994.

Iyo ndege kandi yaguyemwo umukuru w'igihugu c'u Burundi w'ico gihe, Cyprien Ntaryamirya, hamwe n'abandi bategetsi bari bamuherekeje, co kimwe n'abayikoramwo b'abafaransa.

Leta y'u Rwanda y'ubu yagiriza abari ku butegetsi ico gihe kuba ari bo barashe iyo ndege kubera kutumvikana na Habyarimana, ariko abo nabo bakagiriza FPR kuba ari yo yabikoze mu ntumbero yo kwiharira ubutegetsi.