Magufuli yatangaje ko indege ya Air Tanzania yari yafatiwe muri Canada yarekuwe

Umukuru w'igihugu ca Tanzania John Pombe Magufuli amenyesha ko indege ya Tanzania yari yafatiwe muri Canada yarekuwe.

Yamenyesheje ivyo ari mu ntara ya Mwanza, asaba abanyagihugu kwitegura kuyakira, n'aho atamenyesheje igihe yarekurwa n'amasezerano yoba yarashitsweko kugira ngo irekurwe.

Iyo ndege ya Bombardier Q400 yafashwe mu kwezi guheze ku mvo z'ideni ry'imiliyoni $33 ico gihugu gifitiye umurimyi w'umunya Afrika y'Epfo, Hermanus Steyn kuva mu myaka ya 1980.

Leta ya Tanzania yihutiye kurungika abayiburanira muri Canada, hampande y'ibiganiro vyayihuje n'uwuserukira Canada muri ico gihugu.

Uno munsi ku wa kane, mu gihe yariko yugurura ikoraniro rikuru ry'umugambwe CCM mu gisagara ca Mwanza, Perezida Magufuli yamenyesheje abari aho ko iyo ndege yarekuwe.

Ati: "Indege yacu yari yafatiwe muri Canada yarekuwe, abanyagihugu bazomenyeshwa itariki izoshikirako kugira bayakire, kandi bazoyakirira hano i Mwanza".

Bwari bugize kabiri uyo murimyi afatisha indege za Tanzania, inyuma y'iyindi yari yafatishije mu kwezi kw'umunani muri Afrika y'Epfo .

Mu rubanza rwaciwe na sentare nkuru y'igihugu mu ntara ya Gauteng, uyo murimyi yaratsinzwe, ariho ku wa 03 z'ukwezi kw'icenda iyo ndege yario yafashwe Airbus A220-300 yarekurwa.

Uyo murimyi Steyn ntiyashizwe

Ku wa 23 z'ukw'icumi na rimwe, mu birori vy'ukurahiza abari baherutse kugenwa ngo baserukire ico gihugu mu makungu, Bwana Kabudi Palamagamba yamenyesheje ko indege ya leta yafatiwe muri Canada.

Ati: "Indege yafashwe, urubanza ubu ruri muri sentare, kandi uwayifatishije ni wa wundi nyene (Steyn) yatuma indege yacu ifatirwa muri Afrika y'Epfo.

Umushikiranganji w'imigenderanire wa Tanzania, Palamagamba Kabudi, yari yagabishije ko ico gihugu gishobora guhagarika umugambi w'ukugura indege muri kompanyi Bombardier ya Canada.