Somalia: 10 bamaze kumenyekana ko baguye mu gitero c'abarwanyi ba ki Islamu kw'ihoteli i Mogadishu

Ahavuye isanamu, Getty Images
Inyuma y'intambara yamaze hafi amasaha indwi, igitero cakozwe ejo ku wa kabiri kw'ihoteri y'i Mogadishu muri Somalia n'abavugwa ko ari abarwanyi b'umuhari Al-Shabaab carangijwe.
Igipolisi ca Somalia kvuga ko ico gitero cabereye kw'ihoteri SYL cahitanye abasirikare bashika babiri n'abasivire batatu. Abasirikare bandi babiri n'abasivire icenda barakomeretse.
Aciye ku rubuga rwa Twitter, Zakia, icegera c'umukuru w'igipolisi c'ico gihugu, amenyesha ko abantu 82 harimwo abasivire n'abategetsi bashoboye kurokorwa.
Abarwanyi batanu bavugwa ko ari abo uwo murwi nibo bakoze ico gitero kuri iyo hoteli iri hafi y'ikirimba c'umukuru w'igihugu, bakoresheje inkoho n'ama grenades.
Iyo hoteri isanzwe kandi ikundwa cane n'abanye politike n'abanye Somalia baba hanze.
Abategetsi bamenyesha ko bose bishwe mu gihe barasana n'abajejwe umutekano ba Somalia .
Igipolisi kivuga ko igitigiri c'abahazise ubuzima gishobora kwiyongera.
Iki nico gitero ca mbere uyu mugwi ukoze ku mugwa mukuru kuva aho hiciwe umukuru w'ico gisagara haraciye amezi ane.











