Umwana basanze yahambwe akivuka mu Buhinde ariko aratora mitende

    • Umwanditsi, Inkuru ya Geeta Pandey
    • Igikorwa, BBC News, Delhi

Uruyoya (uruhinja) rwari rwavutse rutageze (premature) barusanga rwahambwe mu nkono y'ibumba mu buraruko bw'Ubuhindi rwaratoye mitende, nk'uko umuganga yaruvuye abivuga.

Uwo mwana yajanywe kwa muganga hagati mu kwezi kwa cumi aremvye cane, amaraso yiwe arimwo ubwandu bwinshi kandi adakwije ibigize amaraso vya ngombwa.

Ubu uwo mwana aramaze kwunguka ibiro kandi agahema neza, eka mbere n'amaraso yiwe ubu ameze neza, nk'uko umuganga amuvura Ravi Khanna yabibwiye BBC.

Abavyeyi biwe ntibaramenyekana bigasigura ko bazomutanga ku bamurera nyuma y'igihe kigenwa n'amategeko.

Kuri ubu ari mu minwe y'urwego rujejwe abana mu karere ka Bareilly, mu ntara yo mu buraruko ya Uttar Pradesh.

Yatowe ku bw'amahirwe n'umunyagihugu yari yagiye gupfuba umukobwa wiwe, yavutse apfuye. Mu bisanzwe abo mw'idini rya Hindu baturira ibiziga, ariko inzoya n'abana bakiri bato barahambwa.

Uwo munyagihugu avuga ko yimvye gushika nko ku santimetero 90, igipawa (igitiyo) ciwe gikubita ku nkono ica irameneka aca yumva uruyoya rurira. Ataburuye iyo nkono yasanze harimwo umwana.

Mu ntango bamujanye ku bitaro vya leta biri hafi, nyuma y'iminsi ibiri, baca bamwimurira ku bitaro vy'abana vya Muganga Khanna bifise uburyo bwisununuye.

Abaganga bavuze ko ari umwana yavutse atageze, avuka ku ndwi nka 30, akaba yarapima hafi ikiro kimwe n'amagarama 100 igihe yashikanwa kwa muganga. Yarajugumira cane, afise imbeho hamwe n'ikibazo c'isukari nkeyi mu maraso.

Uno munsi Muganga Khanna yagize ati: "Kuwa kabiri, igihe twamushikiriza abajejwe ibitaro vy'akarere, yari afise Kg2,57. Aranywa amata bakoresheje inkongoro kandi ubu amagara yiwe ameze neza cane."

Ntibizwi igihe uwo mwana yamaze mu kuzimu uko kingana kandi kumenye ivy'ukuntu yarokotse ni ugukekeranya.

Muganga Khanna avuga ko ashobora kuba yaramaze "iminsi itatu canke ine apfubwe, agatungwa n'ibinure vy'umubiri wiwe". Inzoya zivukana ibinure mu gice co munda, ku matako hamwe n'amatama kandi zirashobora kumara igihe zitunzwe n'ivyo binure mu gihe vyagoranye.

Ariko abandi bahinga bo bagereranya ukundi - bavuga ko ashobora kuba yari amaze amasaha "nk'abiri canke atatu" apfubwe, kandi yari gushobora kubaho "iyindi saha imwe canke abiri" iyo batamutabara.

Mu kwezi kwa cumi, igipolisi catanguje itohoza ku buguzi bwa nabi "ku bantu batazwi" gica gitangura kurondera abavyeyi b'uwo mwana.

Bavuga ko bibaza ko abavyeyi b'uwo mwana bagomba kuba baragize uruhara mw'ipfubwa ryiwe, kuko naho ivy'iwe vyavuzwe cane, nta muntu n'umwe yigeze aza gusaba uwo mwana.

Abajejwe intwaro ntaco bavuze ku coba caratumye uwo mwana akorerwa ivyo, ariko ubudasa bw'ibitigiri hagati y'abagore n'abagabo mu Buhindi nibwo buri hejuru kurusha ahandi kw'isi.

Abagore kenshi baravangurwa mu kibano kandi abakobwa babonwa nk'umuzigo, cane cane mu miryango ikenye.

Ntaho nyinshi mu mbanyi z'abana b'abakobwa zidashakwa zikurwamwo hakurikijwe amategeko kwa muganga, ivyo kwica utwana tw'udukobwa tukivuka navyo ni ibintu bishika akatari gake.