Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
U Burundi buragabisha u Rwanda ko butazorera amaboko butewe
Mw'itangazo ririmwo amajambo akomeye ko kuburira no kugabisha, leta y'u Burundi yavuze ko "igabishije u Rwanda kubera ibitero vyisubiriza ruheruka kugaba ku Burundi".
Umunyamabanga wa leta y'u Burundi akaba n'umuvugizi wayo, Prosper Ntahorwamiye, yavuze ko u Burundi ''buzofata ingingo zikwiye kuko budashobora kwihanganira ibitero vyisubiriza n'agasomborotso'' bikorwa n'u Rwanda.
Bwana Ntahorwamiye yavuze ivyo inyuma y'igitero cabaye mw'ijoro ryo kuwa 16 rishira 17 muri uku kwezi kigahitana abantu n'ibintu muri komine Mabayi iri mu ntara ya Cibitoke mu burengero bw'u Burundi.
Ku ruhande rw'u Rwanda, Amb. Olivier Nduhungirehe, avuga kuri ico gitero, yavuze ko ivyo ari ivyagiriji bisanzweko bidafise ishingiro.
Inyuma y'ico gitero, Maj Emmanuel Gahongano ayobora ibiro bishinzwe amakuru mu ngabo z'u Burundi, yatangaje ko abateye baturutse mu Rwanda bakanasubirayo.
Umuvugizi wa Leta y'u Burundi yagabishije amakungu ko atagikozwe k'uco yise ''agasomborotso k'u Rwanda ku Burundi'' umutekano mu bihugu vyo mu karere k'ibiyaga binini ushobora guhungabana.
Prosper Ntahorwamiye yagize ati Leta isubiye ''gusaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU, umuryango w'ubumwe bwa Afrika, akarere k'ibiyaga binini n'umuryango wa Afrika y'ubuseruko kuva mugacerere''.
Ngo iyo miryango itegerezwa gufasha mw'iyubahirizwa ry'amasezerano mpuzamakungu y'akarere ajanye n'umutekano, amahoro n'iterambere.
Yavuzeko Leta y'u Burundi yasavye ubunyamabanga bw'ishirahamwe rihurikiyemwo ibihugu bigize akarere k'ibiyaga binini gutohoza uruhara rw'u Rwanda mu gitero cabaye italiki 10 mu kwezi kw'indwi 2015 muri komine Kabarore mu ntara ya Kayanza.
Ariko ngo iryo shirahamwe ryamenyesheje ko ivyo birego vy'u Burundi ku Rwanda ata fatiro vyari bifise.
Kuva mu 2015 inyuma y'imyiyerekano y'abiyamiriza gusubira kwitoza kwa Pierre Nkurunziza n'uguhakwa guhirika ubutegetsi vyakurikiye, imigenderanire hagati y'ivyo bihugu ntiyifashe neza.
U Burundi bwagumye bwagiriza u Rwanda gufata mu mugongo imigwi ihungabanya umutekano mu Burundi, u Rwanda narwo rukavuga ko hari abarudurumbanya bafashwa n'ingabo z'u Burundi.
Buri gihugu gihakana ivyo cagirizwa n'ikindi, ariko ibitero vy'abitwaje ibirwanisho yaba ku butaka bw'u Rwanda canke bw'u Burundi biramaze kuba.