Sentare mu Burundi yanse ibisabwa n'abaregwa kwica Ndadaye

Ahavuye isanamu, Getty Images
Sentare ntahinyuzwa mu Burundi yanse ivyasabwe n'abunganizi b'abaregwa kugira uruhara mw'igandagurwa ry'uwari umukuru w'igihugu c'u Burundi, Melchior Ndadaye mu 1993.
Mu cemezo ca sentare catangajwe ku munsi w'ejo, abacamanza baranse kandi ko abaregwa batari mu Burundi boserukirwa n'ababunganira mu mategeko.
Abo banyamategeko bavuga ko sentare itari ikwiye kwirengagiza ko uru rubanza rwari mu zigomba kwigwa n'akanama kajejwe ukuri no kwunga abarundi nk'uko biri mu masezerano ya Arusha.
Ikindi ngo ni uko abantu bashinjwa bafise ubudahangwarwa bahabwa n'amasezerano ya Arusha.
Melchior Ndadaya yagandaguwe bunyamaswa itariki 21 z'ukwa cumi 1993, yicwa n'umugwi w'abasirikare wamufashe umukuye iwe ku kirimba.
Ico gihe kandi abakorana vya hafi na Prezida Ndadaye nabo baragandaguwe, gushika ubu nyuma y'imyaka ishika 26 abakoze iryo bara bakaba bataracibwa urubanza.
Iyicwa rya ndadaya ryataye igihugu mu kaga, abanyagihugu bacanamwo baragandagurana, vyadukamwo intambara y'amoko hagati y'abahutu n'abatutsi yaheze mu 2001.
Urubanza rw'abagandaguye Ndadaye rwarigeze gutanguzwa mu mpera z'imyaka y'1998, ariko hafatwa abo benshi bavuze ko bari abantu bato bato cane batari kuba ari bo bateguye igandagurwa ry'umukuru w'igihugu.
Leta y'u Burundi iriho ubu iheruka gusohora imitahe yo gufata abari abasirikare bakomakomeye hamwe n'uwahoze ari umukuru w'igihugu, Pierre Buyoya.
Iyo mitahe yariyamirijwe na bamwe mu batavuga rumwe na leta y'u Burundi, bavuze ko ifise intumbero za politike.










