Intuma z'u Rwanda na Uganda ntizashoboye kubonanira i Kampala. Habuze iki?

Ahavuye isanamu, BBC GAHUZA
Inama yari yitezwe hagati y'intumwa z'u Rwanda n'iza Uganda yari kubera i Kampala mu ntumbero yo gukemura ibibazo ivyo bihugu bifitaniye, ntiyabaye nk'uko vyari vyitezwe.
Uganda yari yagenye itariki y'uno munsi (18/11/2019) ngo intumwa z'ibihugu vyombi zibonane zibandanye ibiganiro ku kunagura umubano hagayi y'ivyo bihugu.
Inama yaheruka yabereye i Kigali mu Rwanda itariki 16/09/2019, aho intumwa z'ivyo bihugu mu vyo zemeranije harimwo "guhagarika propaganda mbi" mw'itangazamakuru n'imbuga hwaniro.
Iyo nama y'i Kigali yakuriye amasezerano yashizweko umukono hagati ya Uganda n'u Rwanda mu kwezi kw'indwi bifashijwe na Angola na Kongo (Kinshasa).
Uganda irega u Rwanda kuba rwararungitse abantu gusuma urusaku ku butaka bwayo, u Rwanda narwo rukarega Uganda guha indaro imitwe y'abarwanyi igamije kurwanya ubutegetsi bwa Kigali.
Impande zombi zihakana ivyo zagirizanya, ingaruka y'uwo mubano mubi ikaba yarabaye iyugarwa ry'imbiye ryateje ingaruko zikomeye mu vy'ubutunzi ku baba hirya no hino y'izo mbibe.
Kuki inama y'uno munsi yasivye?
BBC yavuganye n'umunyamabanga wa leta y'u Rwanda ajejwe akarere k'ubuseruko bwa Afrika, Bwana Olivier Nduhungirehe, avuga ko imvo nyamukuru ari ko zimwe mu ntumwa z'u Rwanda zitashoboye kuboneka.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Yagize ati: "U Rwanda rwasavye Republika ya Uganda gusubika iyo nama, kuko bamwe mu bari kuja muri "delegation" y'u Rwanda batari kuboneka uyu munsi.
"Rero twasavye Republika ya Uganda gushaka iyindi tariki twokwumvikanaho kugirango iyo nama iterane.
"Nta gisubuzo turabona... Uganda niyo igomba kugena itariki [...], nibo bagomba kutugezaho itariki nk'uko bari batugejejeho itariki ya 13 z'ukwa cumi na kumwe, nyuma iza kuba itariki 18 z'ukwa cumi na kumwe, Uganda niyo yari yayigenye".
Mu gihe rero ikibazo hagati y'impande zombi gisa n'ikitariko kirakemuka ubu bwa vuba, ingorane ku rubibe zirabandanya, mu ndwi iheze hakaba hari abanye Uganda babiri barashwe n'abajejwe umutekano b'u Rwanda.

Ahavuye isanamu, BBC GAHUZA
Babagirije kurengana urubiba ku buryo bw'amagendo, babahagaritse bashaka kurwana n'abajejwe umutekano nabo baca barabarasa.
Uganda n'u Rwanda si ubwa mbere bigirana ibibazo, ingabo z'ivyo bihugu zikaba zarakozanijeko mu gihugu ca Kongo mu gisagara ca Kisanga, mu mwaka w' 2000.
Twobibutsa ko ubutegetsi bw'u Rwanda buriho ubu bigizwe n'abarongozi bakuru bakuru bakuriye muri Uganda, bamwe muri bo bakaba baranajejwe amabanga yo ku rwego rwo hejuru muri ico gihugu.










