Kandida wa Frodebu mu matora ya Prezida mu Burundi, avuga ko bozokorana n'uwo ari we wese

Leonce Ngendandakumana, aheruka kugenwa n'umugambwe utavuga rumwe na leta y'u Burundi, Frodebu, nk'umukandida mu matora y'umukuru w'igihugu yo mu 2020, avuga ko kurwanira demokrasi bikibandanya.
Yabwiye BBC ko Frodebu yiteguriye gukorana n'umurundi uwo ari we wese, wo mu mugambwe uwo ari wo wose mu ntumbero yo "gushikana abarundi kuri demokrasi nyayo".
Bwana Leonce ari mu banyepolisi bakoranye kera n'uwatanguje Frodebu, Prezida Mechior Ndadaye, yagandaguwe mw'itembagaza ry'ubutegetsi, amezi atatu nyuma yo gutsinda amatora mu 1993.
Yagize ati: "Yaba CNDD FDD yaba CNL bose turashobora gukorana mu gihe botegera akarangamutika ka Frodebu. Iyo migambwe turazi ko ifise abanywanyi batari bake ku rubuga, turazi kandi ko ari imigambwe harimwo abanywanyi bakiri bato bagiye ku rugamba bagafata umuheto bakarwana.
"... hamwe hatoba ibiganiro kugira ngo abo banywanyi babo bamenye yuko kwama bahanganye atari vyiza, ko ivy'ingwano bitakiriho, ubu ari kwubaka intwaro ishimikiye ku mategeko, ishimikiye kuri demokrasi, harashobora kuba ingorane..."
Abajijwe niba kuba bashaka gukorana n'abandi ari kubera badafise ababashigikiye benshi, Leonce Ndikumana yavuze ko ivyo atari vyo na gato ngo kuko ntibwoba ari ubwa mbere babikoze.
Bwana Ngendakumana yagize ati: "Mu 1993 aho twatsinda amatora ko twakoranye n'abandi, nta nguvu twari dufise? Frodebu si umugambwe w'abantu bamwe ni umugambwe w'abarundi bose."
Umugambwe Sahwanya Frodebu niwo mugambwe watsinze amatora ya mbere ya demokrasi mu Burundi mu 1993.
Ariko mu nyuma wagiye uratakaza inguvu eka mbere n'abanyepolitike bakomeye bari bawurimwo barawuvamwo.











