Mu Burundi Sahwanya FRODEBU isaba ko itegeko ry'amatora ritosorwa kugira 2020 bizogende neza
Mu Burundi, umugambwe Sahwanya FRODEBU utavuga rumwe n'ubutegetsi, uvuga ko gusubiramwo itegeko rigenga amatora ari kimwe mu bikenewe kugirango amatora yo mu 2020 agende neza.
Iri ni itegeko ariko rimaze kurengana intambwe zompi z'inteko zijejwe gutora amategeko, n'ukuvuga inama nshingamateka na nkenguzamateka.
Florentine Kwizewra yavuganye n'icegera c'umukuru w'uwo mugambwe, Leonce Ngendakumana, amusigurira zimwe mu ngingo babona ko zikwiye gutosorwa muri iryo tegeko, mu kiganiro mushobora kwumviriza aho hejuru.