Amnesty International ivuga ko Qatara itarashobora gukingira agateka k'abakozi

Qatar

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Qatar yatumyeko abakozi baharurwa mu bihumbi amajana mu bikorwa vy'ubwubatsi mu kwitegurira kwakira ihiganwa ry'igikombe c'umupira w'amaguru mu 2022, mu gihe kiriko cubaka ibibuga indwi bishasha bizokinirwako muri iryo higanwa

Ishirahamwe Amnesty International rivuga ko abaja gukora mu gihugu ca Qatar kiri mu bikorwa vyo kwitegurira kwakira ihiganwa mpuzamakungu ry'umupira w'amagumu mu 2022 babandanya bahohoterwa n'aho cari cemeye kubakingira.

Icegeranyo gishasha c'iryo shirahamwe kivuga ko abakozi baharurwa mu bihumbi bataronswa agahembo kabo.

Congerako y'uko umurwi mushasha ujejwe kwiga ingene abakozi bokwubahirizwa uriko urananirwa no kubakingira.

Amnesty isaba abategetsi b'igihugu ca Qatar "guhagarika iyo ngendo iteye isoni y'ugucinyiza abakozi".

Stephen Cockburn, icegera c'umukuru wa Amnesty International avuga ati: "N'aho Qatar yemeye ko igiye gusubiramwo ibijanye n'ugukingira abakozi imbere y'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose, ibandanya guhonyanga agateka kabo".

"Abakozi mvamakungu kenshi baja muri ico gihugu kugira ngo bashobore gutunga imiryango yabo, ariko abenshi bataha iminwe misa inyuma y'amezi atari make barondera agashara kabo. Abajejwe kubakingira bakaba ata n'ico babafasha".

Ico cegeranyo gitanga akarorero ku bakozi "baharurwa mu majana" bategetswe "gusubira iwabo iminwe misa" inyuma y'aho amakompanyi yabakoresha ahagarikiye imishahara yabo, agaca ahagarika ibikorwa.

Amnesty yakoze ubushakashatsi bwayo ku makompanyi asanzwe adafise isano n'iryo higanwa ry'igikombe c'isi yose mu mupira w'amaguru.

Abategetsi ba Qatar bemeje amategeko mashasha ajejwe gukingira agateka k'abakozi inyuma y'amasezerano bagiriraniye n'ishirahamwe rijejwe abakozi kw'isi mu kwezi kwa 11 umwaka wa 2017.

Bimwe muri ayo mategeko, harimwo uburenganzira bw'abakozi mvamakungu bwo kuronswa agahembo kabo, guhindura akazi batarinze gusaba impusha ku bakoresha babo.

Harimwo kandi n'ugushinga ikigega kijejwe guteganiriza kazoza abakozi, hamwe n'ishingwa ry'imirwi ijejwe guttatur amatati hagati y'abakozi n'abakoresha.

Hagati aho, ico cegeranyo gishasha c'ishirahamwe Amnesty International kivuga ko abakozi mvamakungu baharurwa mu majana bakoreshwa n'amakompanyi y'ubwubatsi n'ayajejwe isuku bategetswe gusubira mu bihugu vyabo bataronkejwe utwo bakoreye.

Leta y'ico gihugu yabwiye BBC ko ishima ingene ishirahamwe Amnesty International ribandanya rikurikirana ivyo bibazo, inamenyesha ko yahanye canke igahagarika amakompanyi 11.994 mu mwaka wa 2018 kubera atubahirije amategeko ajanye n'akazi