Ikamyo itwara ibitoro yahitanye abantu 18 muri Uganda ejo kuwa Mungu

Igipolisi mu burengero bwa Uganda kivuga ko abantu cumi n'umunani bahasize ubuzima igihe ikamyo itwara ibitoro yata ibarabara ikagongana n'iyindi miduga ine, igaca iturika.

Iryo sanganya ryabaye ejo kuwa Mungu mu muji wa Kyambura ryanasambuye amaduka arenga mirongo ibiri, afashwe n'umuriro watewe n'ivyo bitoro.

Igipolisi casavye ababuze ababo gutanga ibipimo ndangamuntu, ADN, kugira bashobora kumenya ibiziga vy'ababo.

Aho ni mu gihe hari ibiziga bigoye kumenyekana kubera vyahiye ku buryo bw'ikirenga.

Iyi mpanuka ibaye nyuma y'iminsi umunani ikiduga gitwara ibitora kigize isanganya muri Tanzaniya, kigaturika kigahitana abantu bashika mirongo umunani na batanu.

Benshi muri abo bapfuye ni abari baje kugerageza kuvoma ibitoro muri ico kiduga.