Abantu barenga 60 bahitanywe n'isanganya ry'imodoka itwara igitoro i Morogoro muri Tanzania

Abantu barenga 60 nibo bavugwa ko boba bapfuye bivuye kw'isanganya ry'ikamyo itwara igitoro mu ntara ya Morogoro muri Tanzania.

Iryo sanganya ryabereye ahitwa Msamvu mu karere ka Itigi muri iyo ntara iri hagati muri Tanzania mu gatondo ko kuri uyu wa gatandatu.

Amasanamu yakwiragijwe ku mbuga hwaniro zitandukanye yerekana ibiziga vy'abantu vyahiye bigatokombera vyandagaye irya n'ino.

Ikinyamakuru Mwananchi co muri ico gihugu gisubiramwo umukuru w'intara ya Morogoro Stephen Kebwe aho amenyesha ko ibiziga 60 vy'abapfuye ari vyo vyegeranijwe mu buruhukiro bw'abapfuye.

Avuga kandi ko abarenga 70 bakomeretse bakaba baciye batwarwa mu bitaro bikuru vy'iyo ntara.

Avuga ko iyo kamyo yatembagaye igihe umudereva wayo yariko agerageza gukwepa agatukutuku.

Abenshi mu bahasize ubuzima bariko bagerageza kuvoma igitoro igihe iyo kamyo yahenuka, nk'uko bimenyeshwa na bwana Kebwe.

Umwe mu babonye aho iryo sanganya ryaba, Daniel Ngogo, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ati: "Ibintu bimeze nabi cane. Hapfuye abantu benshi, mbere harimwo n'abatariko biba igitoro kubera hano hakorerwa ibintu vyinshi".

Mw'itangazo ryasohowe n'igisata kijejwe kumenyesha amakuru mu biro vy'umukuru w'igihugu ca Tanzania, Parezida w'ico gihugu, John Pombe Magufuli, ahamagarira abanyagihugu kwirinda kwegera amamodoka nk'ayo agize isanganya.

Avuga ati: "Amenshi mu mamodoka nk'ayo aba atwaye ibitoro bishobora guhitana ubuzima nk'uko vyagenze i Morogoro. Hariho ayandi atwara isumu, hariho n'ayaba atwaye ibikoresho vya kirimbuzi, eka n'ibindi, ndasavye iyi ngeso tuyihebe".

Morogoro ni intara iri mu nzira y'amakamyo atwara igitoro agitwara hagati mu gihugu be no mu bihugu bihana urubibe na Tanzania harimwo Malawi, Zambia n'Uburundi.

Gushika ubu kandi nyene iyo kamyo ntaramenyekana kandi ntawuramenya nimba yari itwaye ico gitoro hagati canke hanze y'i gihugu.