Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Isanganya ry'imodoka itwara ibitoro ryahitanye abarenga mirongo ine muri Nigeria
Isanganya ry'imodoka itwara ibitoro ryahitanye abantu 45 muri leta ya Benue mu buraruko bwa Nigeria.
Abagiye gutabara bamenyesheje BBC ko abandi bantu 70 bandi bakomeretse kubera iryo sanganya.
Ababibonye bavuga ko umudereva wayo yananiwe no kuyigarura mu gihe yariko akwepa ikinogo.
Abanyagihugu bo muri ako karere bahavuye bagandagaza bayora ibitoro vyariko birava bituruka mu gitangi c'iyo kamyo.
Amasanganya atumwa n'imodokari zitwara ibitoro akunze gushika muri ico gihugu.
Mu kwezi kw'icumi mu mwaka uheze, abantu 60 barapfuye igihe umuriro waduka bivuye ku kuva k'umuringoti utwara igitoro mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Nigeria.