Isanganya ry'imodoka itwara ibitoro ryahitanye abarenga mirongo ine muri Nigeria

Isanganya ry'imodoka itwara ibitoro ryahitanye abantu 45 muri leta ya Benue mu buraruko bwa Nigeria.

Abagiye gutabara bamenyesheje BBC ko abandi bantu 70 bandi bakomeretse kubera iryo sanganya.

Ababibonye bavuga ko umudereva wayo yananiwe no kuyigarura mu gihe yariko akwepa ikinogo.

Abanyagihugu bo muri ako karere bahavuye bagandagaza bayora ibitoro vyariko birava bituruka mu gitangi c'iyo kamyo.

Amasanganya atumwa n'imodokari zitwara ibitoro akunze gushika muri ico gihugu.

Mu kwezi kw'icumi mu mwaka uheze, abantu 60 barapfuye igihe umuriro waduka bivuye ku kuva k'umuringoti utwara igitoro mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Nigeria.